Irani ishobora kumara igihe kingana iki iri mu ntambara?

Ifoto yo mu bubiko yerekana amamisirie menshi yarabishijwe mu kirere, abantu bariko barayihweza, i Tehran, muri Munyonyo (11) 2025

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanya Irani bariko baragendera ahariko herekanwa ivyo igihugu kimaze gushikako mu bijanye no gukora amamisire n'ama 'drone', i Tehran, ku wa 12 Munyonyo (11) 2025
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Haraheze amezi atandatu intambara kuri Irani itanguye. Yamara, n'ubwo ubutunzi n'ibikorwa remezo vyayo biri mu kaga gakomeye, abategetsi b'ico gihugu baracasa n'abatihutira kurondera ko ihagarara.

Tehran ishobora kuba ifise intumbero yo kwerekana ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zonyene zidafise ububasha bwo gufata ingingo ku kungene ivy'iyi ntambara vyogenda. Mbere irashobora no kuba ishaka gutuma uruhombo rwa Amerika haba mu vya gisirikare, mu vy'uburyo no vya politike rwongerekana cane rwose, kugira amaherezo Washington yemere bimwe mu vyo Iran isaba.

Ariko vyose bishingiye kuri iki kibazo nyamakuru: mu vy'ukuri Irani ishobora kubandanya irwana gushika ryari?

Irani ifise ubushobozi bwa gisirikare bungana gute?

Ibice bimwe vy'inganda zikora ibikoresho vya gisirikare muri Irani hamwe n'ibibanza bikorerwamwo amamisire vyagiye biterwa. Ariko urugero rw'ibimaze kwononekara ntirurashirwa ahabona mu buryo bwigenga.

Mw'isuzuma rya vuba, ikigo c'ubushakashatsi Chatham House cavuze ko ata makuru yizewe ahari ku rugero rw'amamisire Irani isigaje mu bubiko bwayo muri iki gihe.

Igitigiri ca misire zo mu bwoko bwa 'balistique' Irani irasa cagiye kigabanuka ukwo imisi yagiye yigira imbere. Ariko ubushobozi bwo kubandanya intambara ntibupimirwa gusa ku gitigiri c'amamisire.

'Drones' na misire zigera ku ntera ndende ziroroshe gukora. Kandi abategetsi bishwe mu gisirikare ca Iran gushika ubu barasubirijwe. Mbere, n'ingene igisikare cari cubatse imbere y'intambara, kuva ku bategetsi bo hejuru gushika ku musirikare wo hasi, n'ubu biracameze neza rwose.

Mohammad Ghaedi, umwigisha mu vy'imigenderanire mpuzamakungu muri kaminuza ya George Washington, yabwiye BBC News Persian ati: "Irani ishobora kubandanya ifise ubushobozi bwo kurasa igihe kirekire - n'ubwo hoba ku rugero ruri hasi - kandi iracafise ubushobozi bwo guhungabanya uruja n'uruza mu muhora wa Hormuz."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Intambara y'igihe kirekire ishobora kandi kugira ingaruka kuri Amerika, nk'uko abategetsi ba Irani babibona.

Gutangira no guhagarika misire n'ama drones vya Irani vyatwaye uburyo bwinshi na bimwe mu bikoresho vya gisirikare Amerika yari ifise mu bubiko. Vyongeye, hari isuzuma ry'Abanyamerika ryaburiye ko ivyo bikoresho bidashobora gusubirizwa ningoga.

Ghaedi avuga kandi ko "ingaruka iyi ntambara yagize ku biciro vy'igitoro no ku vyiyumviro vya politike imbere muri Amerika vyatumye i Tehran habaho icizere c'uko ishobora guhatira Washington kwemera bimwe mu bisabwa na Irani."

Ku bijanye n'ivy'imbere mu gihugu, Perezida Donald Trump aracabifise ugushigikirwa ugereranije n'abatora bo mu mugambwe w'Abarepubulikani. Ariko, ivyigwa vyihweza iryo abanyagihugu bagona vyerekana ko Abanyamerika benshi batemera iyi ntambara kandi ko bahagaritswe umutima n'ukuntu Trump atariko arashitsa intumbero yari yihaye.

Nimba ibiharuro vya Tehran vyoba ari vyo, intumbero si ngombwa ko ari ugutsinda Amerika mu vya gisirikare: intambara y'igihe kirekire kandi itwara uburyo bwinshi cane ubwayo ishobora kuba uburyo bwo gushira igitutu kuri Amerika.

Kugeza ubu, nta kimenyetso cerekana ko inguvu za gisirikare zonyene zohatira Irani guhagarika intambara.

Ubutunzi bwa Irani bushobora kubandanya buhagaze gushika ryari?

Abagore bariko baca impande y’imodoka y’inzego z’umutekano za Irani iparitse munsi y’icapa kiriko ishusho y’uwahoze ari Umuyobozi w’ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, i Tehran ku wa 31 Ntwarante (3) 2026.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Khamenei, yahoze ari Umuyobozi w'ikirenga wa Irani, yishwe mu gitero ca misire mu ntango y'intambara

N'imbere y'uko intambara itangura, ubutunzi bwa Irani bwari busanzwe bufise ingorane zikomeye. Mu vyari bibuhanze harimwo iduga rikabije ry'ibiciro, ukubura amafaranga yo kurangura imigambi, uguta agaciro kw'ifaranga, hamwe n'ubusumbasumbane budasanzwe mu mibereho y'abanyagihugu.

Nk'uko ibanki y'isi ibishikiriza, ubutunzi bwa Irani bwagabanutse ku rugero rwa hafi 2.7% mu mwaka w'ubutunzi wa 2025–26, kandi intambara yatanguye mu ndwi za nyuma z'uwo mwaka.

Iyo ntambara na yo nyene yazanye izindi ngorane. Ibitigiri bitangwa n'ikigo ca Irani gikurikirana ivy'ubutunzi vyerekana iduga ry'ibiciro rigera kuri 62% mu kiringo c'amezi 12. Intara zo mu bumanuko bw'iki gihugu, ahakozweko cane n'intamba, ni zo zigeramiwe cane rwose. Akarorero, iduga ry'ibiciro mu ntara ya Hormozgan ryararengeje 101%.

Vyongeye, intambara yatumye ubuzi burenga umuriyoni buhagarara. Muri rusangi, abantu batakaje akaze bababa imiliyoni zibiri nk'uko vyemezwa n'icegera c'umushikiranganji w'abakozi muri Irani.

Mu ntegekanyo yaco, ikigega mpuzamakungu FMI kivuga ko ubutunzi bwa Irani buzogabanuka ku rugero rwegereza 5.4% mu 2026, mu gihe uguta agaciro kw'ifaranga gushobora kwegereza 69%.

Igihe intambara izomara hamwe n'urugero uruja n'uruza rw'igitoro ruzohungabanako, bizogira ingaruka zikomeye. Umuhora wa Hormuz ni inzira Irani ishobora gukoresha mu gushira igitutu ku bandi, ariko kandi ni ahantu ishobora kugirira intege nke: guhungabanya uruja n'uruza muri uwo muhora bishobora kwongereza ikiguzi c'intambara kuri Amerika no ku masoko y'inguvu kw'isi, ariko kandi igihano ca Amerika co kuzibira ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Iran na co nyene gishobora kubangamira ico Irani.

Ariko rero, ingorane z'ubutunzi ntizizoca zituma ubutegetsi buhindura ingingo zabwo.

Ghaedi avuga ko intwaro z'abategetsi batagira demokarasi zishobora kubandanya kubaho imyaka myinshi, mbere no mu bihe vy'ubutunzi bigoye cane. Ku bwiwe, iduga ry'ibiciro, ubukene bw'akazi n'ubusumbasumbane mu mibereho y'abanyagihugu bishobora kwongereza ukutishimira ubutegetsi. Ariko ntibizohindura politike ya gisirikare ya Tehran, kiretse haje imyiyerekano ikomeye y'abanyagihugu canke ukutumvikana hagati mu butegetsi.

Ukutumvikana i Tehran: Intambara yobandanya gushika ryari?

Ibendera rya Irani ririko rirahungabana, inyuma yaryo hagaragara ubwato buhagaze mu muhora wa Hormuz, muri Irani, ku wa 16 Rusama (5) 2026.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imbere muri Iran ntibabona kumwe ingene intambara ikwiye kurangira

Mohammad Bagher Ghalibaf, umukuru w'inama nshingamateka akaba n'umukuru w'intumwa za Irani mu biganiro, yari yaburiye ko Irani idakwiye kurwa mu mutego "w'intambara zidahera canke z'akayombekera". Mbere, yarananeguye abategetsi barwanya ibiganiro.

Ariko Amirhossein Sabeti, umushingamateka wa Tehran afise ivyiyumviro bikaze, avuga ko naho Amerika yoba yemeye ivyo Irani isaba vyose kandi igasinya amasezerano, intambara yobandanya.

Ukwo kutumvikana ntigushobora gusigurwa gusa mu mirwi ibiri y'abashigikiye intambara n'abashigikiye amahoro: Ghalibaf na we avuga ko atazokwemera amasezerano adashimangira uburenganzira bwa Irani. Itandukaniro ahanini rishingiye ku kumenya igihe igitutu gikomeje kwiyongera gishobora gutuma Tehran ironka akarusho mu biganiro, hamwe n'igihe ikiguzi caco gitangura kuruta inyungu.

Abanyagihugu bo bavyiyumvirako iki?

Nta bushakashatsi bwigenga kandi bwizewe bw'iryo abanyagihugu bagona bwigeze bugirwa kuri iyi ntambara. Kandi, imbuga ngurukanabumenyi ntizihagarariye ivyiyumviro vy'abantu bose bo mu gihugu.

Ariko mu kiganiro yagiranye na BBC, Hamidreza Azizi, umuhinga ku bibazo vya Irani akaba n'umushakashatsi mu kigo c'Ubudagi ku bibazo mpuzamakungu n'ivy'umutekano (SWP), avuga ko "urugamba rukomeye kurusha ibindi vyose" kuri repubulika ya kiislam ari urushobora kwaduka imbere mu gihugu.

Intambara ikeneye umukenyuro wo kuyirangiza

Intambara y'igihe kirekire nayo nyene irashobora gutuma Irani ishikirwa n'ingaruka zishingiye ku karere. Mu myaka iheze, Tehran yaragerageje kunagura imigenderanire yayo n'ibihugu vyo mu kigobe c'abarabu, cane cane Arabiya Sawudite. Ibitero bibandanya ku birindiro vya gisirikare, ku bikorwa remezo no ku mihora y'ubwato muri ivyo bihugu bishobora gusubiza inyuma iyo ntambwe.

Ivyo bihugu gushika ubu vyaragerageje kwirinda kwinjira muri ayo matati hagati ya Amerika-Israel, ku ruhande rumwe, na Iran, ku rundi, bihitamwo inzira y'ibiganiro. Ariko uko bibona ko bishobora kubandanya bitumberezwako ibitero na Irani canke imirwi ikorana na yo, ni ko birushiriza kugira imvo yo gukomeza ugufashanya na Amerika mu vy'umutekano. Kandi ukwo gukorera hamwe na Amerika bishobora no kugukoresha mu guhangana na Irani.

Igitutu intambara y'igihe kirekire ishirira kuri Amerika kiba gifise akamaro ka politike kuri Tehran gusa igihe ishobora kugihinduramwo ivyo Amerika yemera mu biganiro. Kugeza ubu, ntibiratomoka neza uko amasezerano yotuma Irani yemera ko intambara irangiye yoba ameze, canke ingene ayo masezerano yoshikwako.

Azizi avuga ati: "Ikibuze mu mukenyuro wa Irani ni insiguro itomoye y'ingene akarusho yaronse mu gihe c'intambara yoshobora kugahinduramwo amasezerano ya politike arama."

Tehran yarerekanye ko ishobora guhungabanya uruja n'uruza rw'inguvu kw'isi no gushira ikiguzi ca vyo kuri Amerika n'abayishigikiye. Ariko ntibitahurwa neza ingene yoshobora kuguma ihanganye na Amerika hamwe n'ibihugu vyo mu kigobe, ku gihe kirekire.

Kugeza ubu, nta ngorane yo mu vya gisirikare, ubutunzi canke politike yonyene yabujije Irani kubandanya intambara. Ariko uko intambara irushiriza kumara igihe kinini, ni ko igitutu c'ubutunzi ku banyagihugu kizokwongerekana, imigenderanire ya Irani n'ibihugu vyo mu karere izorushiriza kwononekara.

Ivyo, bizotuma birushiriza kugorana gushika ku masezerano yotuma ibintu bigenda neza.