IKIBIRIRAHO, 'Dufise ubwoba ko dushobora kwicwa' – Ikiringo ntarengwa cahawe abimukira ngo babe bavuye muri Afrika y'Epfo kiregereje

Abigaragamvya bashinze itariki ya 30 y'uku kwezi kugira abimukira badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko babe bamaze kuva muri Afrika y'Epfo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Perezida Kagame yagize Brig Gen Karuretwa umuvugizi mushya w'ingabo z'u Rwanda

    Brig Gen Patrick Karuretwa yambaye ishati ya gisirikare y'ibara ry'icyatsi kibisi gitsitse, iriho amapeti. Imbere yambayemo umupira w'icyatsi kibisi. Yambaye n'ingofero y'icyatsi kibisi n'indorerwamo.

    Ahavuye isanamu, RDF / X

    Perezida w’u Rwanda Paul Kagame yagize Brigadiye Jenerali (Brig Gen) Patrick Karuretwa umuvugizi mushya w’ingabo z’u Rwanda (RDF).

    RDF yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko Brig Gen Karuretwa “azakomeza no gukora inshingano nk’Umuyobozi Mukuru ushinzwe ubufatanye mpuzamahanga mu bya Gisirikare muri Minisiteri y’Ingabo”.

    Brig Gen Karuretwa asanzwe ari na Perezida w'urukiko rukuru rwa gisirikare.

    Asimbuye kuri uwo mwanya Brig Gen Ronald Rwivanga, mu kwezi gushize watangiye imirimo nk'umukuru w’umutwe w’umuryango w’Afurika y’uburasirazuba wo gutabara aho rukomeye, Eastern Africa Standby Force.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. DR Congo: Umwana urwaye Ebola yashimuswe akurwa mu ivuriro hafi y'i Butembo

    Abakora mu buvuzi batwaye umurambo w'umuntu wishwe na Ebola bawujyanye mu buruhukiro bw'ikigo nderabuzima cya Nyankunde, i Bunia, mu ntara ya Ituri, ku wa gatandatu ushize, kugira ngo benewabo bawusezereho bwa nyuma. Bambaye imyenda yabugenewe y'umweru ibapfutsemo umubiri wose, ndetse n'ingofero z'umweru, banambaye udupfukantoki hamwe n'inkweto. Barimo kugenda mu mbuga y'ivuriro irimo amabuye, ikikijwe n'inzitiro z'ibara rya 'orange'. Ifoto yo ku itariki ya 13 Kamena (6) mu mwaka wa 2026.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abakora mu buvuzi batwaye umurambo w'umuntu wishwe na Ebola bawujyanye mu buruhukiro bw'ikigo nderabuzima cya Nyankunde, i Bunia, mu ntara ya Ituri, ku wa gatandatu ushize (ifoto mbarankuru)

    Abategetsi bo mu buvuzi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) bavuga ko umwana w'umukobwa w'imyaka itandatu wanduye Ebola yashimuswe akurwa mu kigo ivurirwamo kiri mu burasirazuba bw'icyo gihugu.

    Ku mugoroba wo ku wa mbere, abagabo bitwaje intwaro z'ubugi butyaye biraye muri iryo vuriro riri hafi y'umujyi wa Butembo mu ntara ya Kivu ya Ruguru, nuko batwara uwo mwana na nyina.

    Abategetsi bo mu buvuzi baburiye ko abo bantu bombi bashobora gukwirakwiza iyo virusi nibakomeza kuba hanze y'ivuriro.

    Inkuru irambuye hano

  3. 'Dufise ubwoba ko dushobora kwicwa' – Ikiringo ntarengwa cahawe abimukira ngo babe bavuye muri Afrika y'Epfo kiregereje

    Esnat Joseph, yambaye inkofero y’ubwoya y’ibara ritukura, yambaye kandi ikoti yirabura, yicaye imbere y'ihema ari kumwe n'abana biwe batatu b'amahasa

    Ahavuye isanamu, Thuthuka Zondi / BBC

    Insiguro y'isanamu, Esnat Joseph avuga haje umurwi w'abagabo muhira iwe i Durban, gutera ubwoba umuryango wiwe, ivyatumye ahunga ajanye n'abana biwe batatu b'amahasa

    Afrika y'Epfo isigaye ari igihugu kigoye kubamwo ku bimukira badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko, mu gihe ikiringo ntarengwa cashinzwe n’abagira imyiyerekano co kugira abo bimukira babe bavuye muri ico gihugu, kiriko kiregereza.

    Esnat Joseph, umugore w'Umunyamalawi afise imyaka 36, ariko aragerageza guhoza abana biwe batatu b'amahasa bafise umwaka umwe, yabwiye BBC ati: "Mfise ubwoba bwinshi kandi narahahamutse."

    Yarataye aromoka, ava muhira iwe, mu gace k'imihana ibamwo abantu mu kajagari mu gisagara ca Durban, mu ntara ya KwaZulu-Natal, aja kurondera ubuhungiro mu kibanza cagutse kiri ahabona, aho abanyamahanga bagera ku 7.000 – ahanini b’Abanyamalawi – bamaze indwi zibiri biyegeraniriza bakahahungishiriza n’utwabo.

    Abimukira isinzi bicaye mu kibanza cagutse kiri ahabona i Durban

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abanyamahanga n’imiburiburi 7.000, harwiriyemwo Abanyamalawi, bakoraniye i Durban aho basaba gutahukanwa mu bihugu vyabo

    Yagize ati: "Haraje abantu muhira iwanje bambwira bati: 'Utegerezwa kuvaho. Ntitugishaka ko muguma aha. Mutegerezwa gusubira mu gihugu canyu.' Bari nka 10 kandi bari bafise ibirwanisho."

    Yasiguye ko uwo murwi w’abagabo b’Abanyafrika y'Epfo wari witwaje imihoro n'ibimoko.

    Yabandanije agira ati: "Baratemye umugabo wanje ku mutwe no kw’izosi. Bari bamufashe izosi nk'abashaka kumwica. Kubw'ubuntu bw'Imana yararokotse, ubu ari mu bitaro."

    Abandi benshi biyegeranirije muri ico kibanza, aho amashirahamwe y’abagiraneza ariko abaronsa uburengeti n'ibifungurwa. Bavuga ko na bo nyene bagiriwe ibikorwa nk'ivyo vyo kubatera ubwoba, aho hari umurwi w’abantu wabasanga muhira inzu ku nzu.

    Ivyo bibaye inyuma y’urukurikirane rw'imyiyerekano, ahanini yabaye mu mahoro muri uyu mwaka, iyobowe n'umuhari urwanya abimukira witwa March and March, umugambwe ActionSA utavuga rumwe n'ubutegetsi n'abandi.

    Muri iyo myiyerekano, bashinze itariki ya 30 Ruheshi (6) nk'ikiringo ntarengwa c'uko abimukira badafise ivya ngombwa boba bavuye ku butaka bwa Afrika y'Epfo.

    Bitwaje inkoni, bagenda bararirimba bavuga bati "Mabahambe", ijambo ryo mu rurimi rw'Ikizulu risigura ngo "Nibagende".

    Mu gihe iminsi batanze iriko irahera, ku wa kabiri Perezida w'Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yaburiye Abanyafrika y'Epfo ko "guta inkubire ku bantu b'abanyantege nke" atari yo nyishu ku ngorane z'ubutunzi zugarije ico gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Burundi: Inama nshingamateka na nkenguzamateka zisaba reta gushiraho urwego ruzokurikirana abakekwa 'jenoside' yo mu 1972

    Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR, ariko arashikiriza ijambo mu mahugurwa yabereye i Gitega, ku wa 10 Ntwarante (3) 2022

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR aradoma urutoke ku bategetsi batandukanye b'ico gihe, harimwo uwahora ari Perezida Michel Micombero (ifoto mbarankuru yo mu 2022)

    Inama nshingamateka na nkenguzamateka z'Uburundi zisaba reta y'ico gihugu gushiraho urwego rw'ubutungane rukurikirana abikekwa kugira uruhara mw' "ihonyabwoko" ryakorewe Abahutu mu 1972.

    Zisaba kandi abategetsi gushiraho umusi wahariwe kwibuka, ku rwego rw'igihugu, amabi yabaye n'abayakorewe muri uwo mwaka.

    Izo nzego zibiri zabisavye ku wa kabiri, igihe umurwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha abarundi CVR wazishikiriza, zikoraniye hamwe, icegeranyo ntabanduka kw' "ihonyabwoko" ryakorewe abahutu mu 1972.

    Inkuru iramvuye soma ngaha

  5. Tehran irimo kugaragaza amasezerano n'Amerika nk'intsinzi – ariko ku Banya-Irani yari ngombwa

    Umugore ufite ibendera rya Iran mu muhanda wo mu murwa mukuru Tehran

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ubutegetsi bwa Iran burimo kugerageza kugaragaza ko inyandiko igiye gutangazwa y’ubwumvikane n’Amerika atari nko gusuna igasubira inyuma, ahubwo nk’umusaruro wo kwihagararaho n’intsinzi.

    Ariko iyo si ingingo yoroshye kuyemeza abantu, nkuko byandikwa n'umwanditsi mukuru wa BBC mu rurimi rw'Igi-perse, Amir Azimi.

    Igihugu cya Iran kimaze kunyura mu ntambara yangije byinshi, ubukungu burajegajega cyane, ndetse na bamwe mu bashyigikiye ubu butegetsi bwa Repubulika ya Kisilamu bamaze amezi bamagana ko habaho kumvikana na Washington.

    Hari n’Abanya-Iran, imbere mu gihugu no hanze yacyo, babona ko amakuba igihugu kirimo atari umwanya wo gukora dipolomasi (gushyikirana), ahubwo nk’umwanya wuko habaho impinduka y’ubutegetsi.

    Uwo ni wo mwuka wa politike icitsemo ibice Tehran ubu igerageza kumvikanishamo amasezerano yagiranye n’Amerika.

    Ku Banya-Iran benshi, ikibazo si ukumenya niba aya masezerano asobanuye intsinzi, ahubwo ni ukumenya niba agabanya ibiciro ndetse akagabanya ubwoba bwuko habaho indi ntambara.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Messi yanganyije na Klose umuhigo w'ibitego byinshi mu gikombe cy'isi ubwo Argentine yanyagiraga Algeria

    Lionel Messi azamuye igipfunsi mu kwishimira intsinzi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Lionel Messi yatsinze igitego cye cya 16 mu gikombe cy'isi hashize neza neza imyaka 20 nyuma y'igitego cye cya mbere yatsinze Serbie-et-Monténégro mu 2006

    Lionel Messi yabaye umukinnyi usangiye gutsinda ibitego byinshi cyane mu gikombe cy’isi, ubwo yatsindaga ibitego bitatu igihe Argentine, yegukanye igikombe cy’isi cy’ubushize, yatangaga ubutumwa bukomeye mu kunyagira Algeria.

    Muri uwo mukino wa 200 yari akiniye igihugu cye, Messi ni bwo bwa mbere yari atsinze ibitego bitatu mu mukino w’igikombe cy’isi.

    Kandi byanditse n’amateka, kuko uyu mukinnyi w'imyaka 38, ufite umuhigo wo gutsindira ibihembo umunani bya Ballon d'Or, yagejeje ku bitego 16 amaze gutsinda mu mikino y’igikombe cy’isi – ubu akaba abinganya n’Umudage Miroslav Klose mu gutsinda ibitego bya mbere byinshi mu mateka y’igikombe cy’isi.

    Argentine, imaze gutsindira ibikombe bitatu by’isi, byayisabye gukora cyane kugira ngo igere kuri iyo ntsinzi muri uwo mukino wabereye ku kibuga cyo mu mujyi wa Kansas muri Amerika, mu gihe ishaka kuba igihugu cya gatatu gusa ku isi gishoboye kwisubiza igikombe cy’isi.

    Ni bwo bwa mbere Argentine itsinze umukino wayo ubanza w’igikombe cy’isi nk’ikipe ifite igikombe cy’ubushize, ikaba yaratsinzwe mu 1982 no mu 1990.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Somaliland yafunguye ambasade i Yeruzalemu nyuma yuko Israel yemeye ubwigenge bwayo

    Perezida wa Somaliland asuhuzanya na Minisitiri w'intebe wa Israel

    Ahavuye isanamu, Prime Minister of Israel's Office

    Insiguro y'isanamu, Perezida wa Somaliland Abdirahman Mohamed Abdullahi (ibumoso) yagiranye ibiganiro na Minisitiri w'intebe wa Israel Benjamin Netanyahu mu ruzinduko rwe

    Leta yitandukanyije ya Somaliland yafunguye ambasade i Yeruzalemu, amezi atandatu nyuma yuko Israel ibaye igihugu cya mbere kiyemeye nk’igihugu cyigenga.

    Ifungurwa ry’iyo ambasade mu gace kiganjemo ibikorwa by’ikoranabuhanga ko muri Yeruzalemu y’uburengerazuba, ryabaye mu gihe Perezida wa Somaliland Abdirahman Mohamed Abdullahi ari mu ruzinduko rw’akazi muri Israel.

    Mu nama yagiranye na Perezida wa Somaliland, Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ku “mubano wa roho wimbitse uri hagati y’abaturage bacu”.

    Ariko Somalia, ifata Somaliland nk’ubutaka bwayo, yasobanuye ibyo biganiro n'"ubutegetsi bwitandukanyije bw’akarere k’amajyaruguru ya Somalia... [nk’] ihonyorwa ry’ubusugire bwayo".

    Kwemerwa na Israel kwa Somaliland, kwabaye mu Kuboza (12) kw’umwaka ushize, kwateje impaka. Ibihugu n’imiryango byose hamwe bibarirwa muri za mirongo birimo Ubushinwa, Turukiya, Arabie Saoudite n’umuryango w’Ubumwe bw’Afurika byanenze uko kwemerwa na Israel.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.