Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru y'uyu munsi yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone muri gahunda nk'iyi.
Trump avuga ko Arabie Saoudite igomba kwemera Israel kugira ngo habe amasezerano ya nikleyeri
Perezida w'Amerika avuga ko amasezerano yanditse amateka yo gufasha Arabie Saoudite gukora ingufu za nikleyeri ashingiye ku kuba icyo gihugu cyemera kwinjira mu masezerano yitwa Abraham Accords.
Incamake
- Trump avuga ko Arabie Saoudite igomba kwemera Israel kugira ngo habe amasezerano ya nikleyeri
- Ubwongereza bwahakanye gufunga ikigo cy'imyitozo ya gisirikare cyo muri Kenya
- RD Congo: Abantu barenga 1000 bamaze kwicwa na Ebola
- Aba Houthi bo muri Yemen bavuga ko bateye ubwato bubiri bw'igitoro bwo muri Arabia Sawudite mu Kiyaga Gitukura (Red Sea), inyuma y'uko Amerika igavye ikindi gitero kuri Iran mw'ijoro rigira 12 ubudasiba.
- Amerika yemeye gufasha Arabia Sawudite gutangura umugambi wa nikleyere wa gisivire, ariko hari abafise ubwoba ko ushobora kuba inzira kuri iki gihugu co mu Buseruko bwo Hagati yo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
- Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) yakoresheje akaryo ifise ko kurongora Inama y'Umutekano y'ishirahamwe ONU mu gutera akamo amakungu ko yoshira inguvu mu kugenzura neza ubutunzi kama.
- Mu gihe ibitero hagati y'Uburusiya na Ukraine bibandanya uko bukeye uko bwije, Moscou irasaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika guhagarika guha ibirwanisho Ukraine.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Trump avuga ko Arabie Saoudite igomba kwemera Israel kugira ngo habe amasezerano ya nikleyeri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Perezida w'Amerika Donald Trump n'Igikomangoma kizima ingoma cya Arabie Saoudite, Mohammed bin Salman (ifoto mbarankuru yo mu bubiko) Perezida Donald Trump yavuze ko amasezerano hagati y’Amerika na Arabie Saoudite yo gufasha ubwo bwami bwo mu Kigobe cy’Abarabu gukora ingufu za nikleyeri yabaho ari uko Arabie Saoudite yemeye Leta ya Israel.
Mu butumwa yatangaje ku rubuga rwa Truth Social yagize ati: “Amasezerano ya Nikleyeri ya Gisivile (Nta byo kongerera ubukana bizabaho!)... ajyanye gusa n’ikoreshwa ritari irya gisirikare... azemezwa, ariko ashingiye mu buryo bwuzuye ku kuba Saudi Arabia yemera kwinjira mu masezerano yubashywe cyane kandi yageze ku ntego cyane.”
Ayo masezerano yagizwemo uruhare na Trump yatumye ibihugu bitanu – birimo bine by’Abarabu – byemera Israel.
Mbere, Arabie Saoudite yavuze ko itazabikora hatabayeho ishingwa rya leta ya Palestine ariko ibiro bya perezida w'Amerika (White House) byavuze ko ayo masezerano ya nikleyeri azaburizwamo niba Arabie Saoudite itinjiye muri ayo masezerano ya 'Abraham Accords'.
Kuri manda ya mbere ya Trump nka Perezida w’Amerika, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Bahrain byashyizwe umukono kuri ayo masezerano azwi nka ‘Abraham Accords’, bituma habaho kubyutsa umubano kwanditse amateka hagati ya Israel n’ibihugu bibiri by’Abarabu – ya mbere mu myaka ibarirwa muri za mirongo yari ishize.
Sudan, Maroc na Kazakhstan na byo kuva icyo gihe byamaze gusinya ayo masezerano.
Kugeza ubu, Arabie Saoudite ntirasubiza kuri ayo magambo ya Trump, avuze nyuma yo kunengwa n’inzobere ko ayo masezerano yatangajwe ku wa gatatu ashobora guteza ibyago byuko mu gihe kiri imbere hashobora kubaho kwigwizaho nikleyeri muri ako karere gasanzwe karimo umutekano mucye.
Izindi nkuru wasoma:
Ubwongereza bwahakanye gufunga ikigo cy'imyitozo ya gisirikare cyo muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubwongereza zimaze imyaka ibarirwa muri za mirongo zikorera imyitozo muri Kenya, bijyanye n'amasezerano ya gisirikare ibihugu byombi bifitanye Ubwongereza bwahakanye amakuru yumvikanisha ko bwahagaritse ibikorwa byose by’imyitozo ya gisirikare muri Kenya, buvuga ko ayo makuru atari ukuri.
Uko gusobanura gukurikiye amakuru yo mu bitangazamakuru byo muri Kenya avuga ko Ubwongereza bwahagaritse ikigo cyabwo cya gisirikare cy’imyitozo (cyitwa BATUK, mu mpine y'icyongereza), nyuma yuko leta ya Kenya idatanze uruhushya rwa ngombwa rucyenerwa kugira ngo imyitozo ikorwe.
Umuvugizi wa minisiteri y’ingabo z’Ubwongereza yahamirije BBC ko “nta fungwa ririho” rya BATUK. Uwo muvugizi yongeyeho ko “Umwitozo umwe gusa waburijwemo”, ukaba wari uteganyijwe kuba muri uyu mwaka.
Ati: “Birababaje kuba impushya za ngombwa zo gutuma imyitozo ibera i Laikipia muri uyu mwaka zitarabonetse. Ku bw’iyo mpamvu, ubu imyitozo yari iteganyijwe izakorerwa ahandi hantu hanze ya Kenya.”
BATUK, iri hafi y’ikigo cy’i Laikipia cy’ingabo za Kenya zirwanira mu kirere, ikorerwamo imyitozo ya gisirikare mu buryo buhoraho ku bufatanye n’ingabo za Kenya.
Mu Kuboza (12) mu mwaka wa 2025, iperereza ry’inteko ishingamategeko ya Kenya ryashinje ingabo z'Ubwongereza zikorera i Laikipia kugira imyitwarire mibi ishingiye ku gitsina no kwangiza ibidukikije. Minisiteri y’ingabo z’Ubwongereza yavuze ko ibabajwe n’ibyo bibazo byavuzwe ndetse ko izakora iperereza ku birego ibyo ari byo byose bifitiwe ibimenyetso.
Izindi nkuru wasoma:
RD Congo: Abantu barenga 1000 bamaze kwicwa na Ebola

Ahavuye isanamu, Getty Images
Minisiteri y’ubuzima muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo) yemeje ko abantu bamaze kwicwa n’iki kiza cya Ebola cyo ku nshuro ya 17 ubu bamaze kurenga 1,000.
Imibare mishya yuko iki kiza gihagaze yatangajwe uyu munsi, ariko igaragaza amakuru ajyanye n’iki kiza yo kugeza ku wa kabiri, igaragaza ko abantu 63 bashya ari bo banduye Ebola mu masaha 24 yari yabanje, bituma umubare wose w’abamaze kwandura ugera ku bantu 2,536 mu ntara eshanu.
Hatangajwe abandi bantu 34 bapfuye, bituma umubare wose w’abapfuye ugera ku bantu 1,033. Mu ntara ya Ituri ni ho hakiganje Ebola.
Umujyi wa Bunia n'uwa Rwampara yonyine yihariye abarenga kimwe cya kabiri cy’abanduye.
Intara ya Kivu ya Ruguru yabonetsemo abantu 12 bashya banduye n’abapfuye batandatu, mu gihe mu ntara ya Haut‑Uélé hatangajwe abantu batanu banduye n’abandi babiri bapfuye.
Intara ya Kivu y’Epfo n’intara ya Tshopo nta bantu bashya babonetsemo banduye.
Abategetsi bavuga ko abarwayi 738 ubu barimo kwitabwaho mu kato, barimo 556 bo muri Ituri na 182 bo muri Kivu ya Ruguru. Hagati aho abarwayi 24 barakize ku wa kabiri, bituma umubare wose w’abamaze gukira uba abantu 506.
Nubwo hari ibyo byagezweho mu guhangana n’iki kiza, gutahura abagize aho bahurira n’abanduye biracyari ku kigero kidahagije, ubu bikaba biri ku kigero cya 77%.
Iki kiza, cyatangajwe muri Gicurasi (5) uyu mwaka, gikomeje gukwirakwira mu rujya n’uruza rw’abantu no kubera ikibazo cy’umutekano mucye, n’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro mu buryo bwa gakondo ndetse n’ubucuruzi bwambukiranya imipaka.
Abategetsi baburiye ko kongera ibikorwa byo kugenzura abagize aho bahurira n’abarwayi, kongera ibikorwa by’ubukangurambaga mu baturage no gukomeza kwita ku barwayi, bicyenewe mu buryo bwihutirwa kugira ngo ubwandu bushobore guhagarikwa no kugira ngo habeho kugabanya umubare ukomeje kwiyongera w’abapfuye.
Izindi nkuru wasoma:
Abantu bashika 12.000 bimuwe kubera imiriro mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu bashika ku 12.000 bimuwe mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubufaransa mu gihe ico gihugu gihanganye n’imiriro y’ivyaduka iriko iratema itongora, inyuma y’imisi mike babiri mu bajejwe kuzimya imiriro bapfiriye hafi y’ikibuga c’indege ca Bordeaux, nk’uko ibinyamakuru vy’Ubufaransa bibitangaza.
Itororokanirizo ry’amakuru AFP ryatangaje ko muri abo bimuwe harimwo na ba mukerarugendo 10.000.
Ubuyobozi bw’intara ya Gironde buvuga ko amahegitari arenga 2.000 amaze gusha.
Hagati aho mu Butaliyano, abategetsi bunamiye umwe mu bajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka yapfuye ariko arazimya umuriro w’icaduka ahitwa San Cataldo.
Ibihugu bitari bike ku mugabane wa Bulaya harimwo Ubufaransa, Ubutaliyano na Espagne, bihanganye n’ubushuhe burenze urugero kuva mu mezi make aheze.
Muri Espagne, abategetsi bategetse ko abanyagihugu bava mu turere tutari duke mu micungararo y’igisagara ca Toledo mu bumanuko bw’umugwa mukuru Madrid, bimuka.
Abahinga bavuga ko ihindagurika ry’ikirere riturutse ku bikorwa vy’abantu biriko bituma ubushuhe bwari busanzwe burenze urugero burushirizaho kuba nabi cane.
Uburusiya busaba Amerika guhagarika guha Ukraine ibirwanisho

Ahavuye isanamu, t.me/MariaVladimirovnaZakharova
Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w'ubushikirangaji bw'imigenderanire bw'Uburusiya Maria Zakharova yasohoye ifoto y'umubonano wa Lavrov na Rubio Mu gihe ibitero hagati y’Uburusiya na Ukraine bibandanya uko bukeye uko bwije, Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) irasaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika guhagarika guha ibirwanisho Ukraine.
Ibi ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano hagati y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’Uburusiya na Amerika, iruhande y’inama y’akarere ka Aziya bahuriyemwo.
Ariko, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yabwiye mugenziwe wa Amerika, Marco Rubio, ko Moscou igishigikiye inzira y’ibiganiro mu ntumbero yo kurangiza iyi ntambara Uburusiya bwatanguje kuri Ukraine, intambara iri mu mwaka ugira gatanu.
Hagati aho, Perezida Donald Trump wa Amerika yaragabanije cane imfashanyo za gisirikare Amerika yahora iha Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine), mu gihe arondera ingene iyi ntambara yohagarara.
Ubu, imfashanyo nyinshi zisigaye zirungikwa biciye mu bihugu vya Bulaya, umushikiranganji Lavrov akavuga ko iyi ngendo iteza umutekano muke.
Avugana n’abamenyeshamakuru i Manille/Manila, Rubio ntiyatanze ido n’ido ku vyo baganiriyeko, ariko yavuze ko Amerika yiteguriye kugira uruhara nyarwo mu gutorera umuti intambara, ariko akavuga ko gushika ku masezerano y’amahoro bizosaba akigoro.
Hagati aho, impande zompi zirabandanya ziterana ibisasu, aho mw’ijoro ryakeye buri ruhande ruvuga ko rwasubije inyuma ibitero vy’urundi.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko Uburusiya bwateye iki gihugu bukoresheje ibisasu vya misire vy’ubwoko butandukanye, hamwe n’indege zitajamwo abadereva (drone) 168, kandi ko muri zo 154 zakorowe canke zasamburiwe mu kirere.
Ku ruhande rwabwo, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko bwakoroye amadrone 223 ya Ukraine hejuru y’intara 17, mu karere ka Crimée bwigaruriye hamwe no mu Kiyaga Azov.
Ayandi makuru kuri iyi ntmabara:
Murashobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
RDC: Félix Tshisekedi ahamagarira isi kugenzura neza ubutunzi kama

Ahavuye isanamu, UN Web TV/SCREENSHOT
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya RD Congo, Thérèse Kayikwamba Wagner, ni we yasomye ijambo rya Perezida Félix Tshisekedi Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) yakoresheje akaryo ifise ko kurongora Inama y'Umutekano y'ishirahamwe ONU mu gutera akamo amakungu ko yoshira inguvu mu kugenzura neza ubutunzi kama.
Mw'ijambo ryasomwe n’umushikiranganji w’ico gihugu ajejwe imigenderanire, Thérèse Kayikwamba Wagner, Perezida Félix Tshisekedi avuga ko ubutunzi kama bwabaye kimwe mu bintu bihambaye bifitaniye isano n'amahoro, umutekano n'iterambere kw'isi yose.
ku bwiwe, umutungo kama wategerezwa kugira ikibanza kidasanzwe muri kazoza ka kiremwa muntu, ariko ibintu siko bimeze ahatari hake kw’isi.
“Mu turere twinshi tw'isi, ubutunzi kama bubandanya buba isoko ry’intambara, bugafasha imirwi yitwaje ibirwanisho, bugatuma ibihugu bigoyagoya, mu gihe abanyagihugu bataronka inyungu zikwiye zivuye mu mutungo kama wabo”.
Perezida Tshisekedi ashimikira cane ku kibazo gihanze akarere k’ubuseruko bw’igihugu ciwe, aho amabuye y'agaciro acukurwa kandi akadandazwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko, ibi bigatuma imirwi y’inyeshamba ironka uburyo bwo guteza intambara.
Ati: “Mu buseruko bw'igihugu canje, nta mahoro arama ashobora kuboneka hatabaye urugamba rwo kurwanya icukurwa ry'umutungo kama riteye kubiri n'amategeko, gusambura imirwi yitwaje ibirwanisho, gusambura inzira zose ziyiha uburyo mu vy'amafaranga, be no kuzibira imihora amabuye y'agaciro ava mu turere tw'intambara acamwo mu kwinjira ku masoko mpuzamakungu”.
Ku bwa Kinshasa, umutungo kama ukwiye kuba isôko ry'amahoro n'iterambere aho kuba intandaro y'intambara n'amatati.
Tshisekedi ati: “Iyo umutungo kama ukoreshwa mu guteza intambara aho guteza imbere igihugu, ntiba ikiri ingorane y'igihugu kimwe gusa, ihinduka ikibazo kibangamiye amahoro n'umutekano ku rwego mpuzamakungu”.
RD Congo izwi ko yicaye ku mabuye y’agaciro menshi cane, kandi ko ari yo atuma itigera ironka amahoro arama kubera icukurwa ryayo rikorwa mu kinywabi.
Perezida Tshisekedi asaba ko hashirwaho ingingo nshasha ku rwego mpuzamakungu zishingiye ku burenganzira bw'ibihugu bwo kuganza amatungo yavyo, gukorera mu muco mu rudandazwa mpuzamakungu, kumenya neza amamuko y'amabuye y'agaciro no kurwanya ingeso yo gukingira ikibaba abakora ivyaha bishingiye ku butunzi.
Ayandi makuru:
Nicholas Checker: Ibyo wamenya ku wari maneko wa CIA witezwe kuba Ambasaderi mushya w’Amerika

Ahavuye isanamu, US State Department / Facebook
Leta Zunze Ubumwe z'Amerika zatanze izina rya Nicholas Checker nk'umukandida wo kuzibera ambasaderi mushya mu Rwanda.
Perezida w'Amerika Donald Trump yashyikirije iryo zina Sena ku itariki ya 21 y'ukwa karindwi mu 2026. Ariko mbere yuko atangira inshingano, Checker agomba kubanza kwemezwa na Sena y'Amerika.
Naramuka yemejwe, azasimbura Eric Kneedler, wari ambasaderi w'Amerika mu Rwanda kugeza mu kwezi kwa mbere mu 2026, wamaze imyaka hafi itatu ahagarariye igihugu cye mu Rwanda.
Ariko se Nicholas Checker ni muntu ki? Soma byinshi kuri we hano: Nicholas Checker
Arabia Sawudite yoshobora guhingura ibirwanisho vya nikleyere? Amakenga inyuma y’amasezerano na Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Muri aya masezerano, bivugwa ko Perezida Donald Trump wa Amerika atabanje gusaba mugenzi we wa Arabia Sawudite, Mohammed bin Salman, kubanza kwemera no kugiriranira imigenderanire na Israel Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye gufasha Arabia Sawudite gutangura umugambi wa nikleyere uzokoreshwa mu bikorwa vya gisivire.
Abategetsi bavuga ko aya masezerano y’agaciro k’amamiriyaridi menshi y’amadolari y'Abanyamerika azotuma amakompanyi yo muri Amerika aronka uburyo bwiza cane bwo kwinjira muri uwo mugambi.
Insiguro ziramvuye z'ayo masezerano ntizirashirwa ahabona, ariko hari amakuru amwe avuga ko yoshobora kwemerera Arabia Sawudite gutunganya uranium ishobora gukoreshwa nk'isoko ntanganguvu, ariko kandi ikanahingurwamwo ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara (vya nikleyere).
Ariko, umushikiranganji wa Amerika ajejwe amasoko ntanganguvu, Chris Wright, ashimangira ko ayo masezerano azokwubahiriza, ku rwego rwo hejuru cane, amabwirizwa ngenderwako ku rwego mpuzamakungu abuza ikwirakwira ry’ibirwanisho vya nikleyere.
Aya masezerano ategerezwa gusuzumwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika (Congress), aho bamwe mu bari mu mugambwe w’Abademokarate bavuga ko ari "amasezerano mabi cane".
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Aba Houthi bavuga ko bateye ubwato bw’igitoro inyuma y'uko Amerika yongeye gutera Iran

Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Abarwanyi b'aba-Houthi mu gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza Arabia Sawudite ku mugwa mukuru wa YemenSana'a ku wa 17 Mukakaro (7) Aba Houthi bo muri Yemen bavuga ko bateye ubwato bubiri bw’igitoro bwo muri Arabia Sawudite mu Kiyaga Gitukura (Red Sea), inyuma y'uko Amerika igavye ikindi gitero kuri Iran mw’ijoro rigira 12 ubudasiba.
Ibinyamakuru vya Leta ya Iran vyavuze ko abantu babiri bishwe muri ivyo bitero vya Amerika vyabaye ku wa gatatu, kandi ko ubwato bumwe bw’igitoro bwahiye inyuma yo gufatwa n'igiturika mu nzira itezwemwo ama-mine mu Muhora wa Hormuz.
Imbere y’uko ibi bitero biba, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yavuze ko azomena ikiraro canke ikigo ntanganguvu muri Irani ari nka hamwe Irani yotera ubwato muri uwo muhora, kandi ko azohigura n’aba-Houthi ari nka hamwe bobuza uruja n'uruza rw'amato mu Kiyaga Gitukura.
Mu gihe cokwemezwa, ico gitero c'aba Houthi coba ari co ca mbere kuva aho uwo murwi ushigikiwe na Iran utangarije ko uzohagarika " uruja n'uruza rw'amato" ya Arabia Sawudite.
Umuvugizi w'igisirikare c'aba Houthi, Yahya Saree, yavuze ko bateye ubwo bwato bubiri bakoresheje indege zitajamwo abadereva (drones) n'ibisasu vya misile, babagiriza ko barenze ku mabwirizwa yabo yo kwugara iyo nzira y'amazi.
Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika muri ako karere (CENTCOM) bwavuze ko isaha zitatu n'igice z'ijoro (21:30 GMT) bwatanguje ibitero ku mabwirizwa ya Trump kugira "ngo bugabanye ubushobozi bwa Iran bwo gutera ubwoba abasivire n'amato y'ubudandaji anyura muri ayo mazi".
Bidatevye, Koweit, Yorodaniya na Bahrain vyatangaje ko vyahanganye n'ibitero vy'indege, imbere y'uko igisirikare ca Iran kivuga ko cateye ibigo vya Amerika muri ivyo bihugu uko ari bitatu, nk'uko AFP yabitangaje.
Ibinyamakuru vya Leta ya Iran vyavuze ko abantu babiri bishwe mu bitero vya Amerika vyabereye mu bumanuko bw'igihugu hafi y'urubibe rwa Irak.
Hagati aho, ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kisilamu (IRGC) ryatangaje ko Umuhora wa Hormuz " wugaye" inyuma y'iturika ryabaye muri uwo muhora, nk'uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryabitangaje.
IRGC yavuze ko yahagaritse ubwato butatu bw’igitoro bwagomba guca muri uwo muhora.
Nk'uko ibinyamakuru vya Leta ya Iran vyabivuze, ubwato bumwe bwafashwe n'umuriro, ubundi bubiri na bwo busubira inyuma mu gihe bwagerageza guca mu nzira yatezwemwo ama-mine mu bumanuko bw'uwo muhora.
Inyuma y’amajambo ya Trump y’ejo ku wa gatatu agabisha, umushikiranganji w'imigenderanire n’ayandi makungu wa Irani, Abbas Araghchi, na we yagabishije ko hazoba "ijisho ku rindi" ku bitero vyose bizogabwa kuri Irani.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.
