Ukraine ivuga ko abantu batanu biciwe mu gitero cy'Uburusiya ku iduka rinini naho abandi 67 barakomereka

Amakuru yo mu bitangazamakuru byaho avuga ko icyo gitero cyo rwagati mu mujyi wa Pavlohrad ari icya gatatu Uburusiya bugabye ku iduka rinini mu gihe cy'iminsi ishize.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ikibiriraho y'uyu munsi. Wakoze kubana natwe n'ahejo.

  2. Abanyanigeria batandatu bakekwa kwiba abantu bitwaje urukundo bazorungikwa muri Amerika

    g

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Abanyanigeria batandatu bakekwa ubusuma bwo kuri internet bitwaza urukundo bariko bararungikwa muri Amerika bavuye muri Afrika y’Epfo kugira baburanishwe.

    Polisi ya Afrika y’Epfo ivuga ko abo bagabo bakekwa kuba barahenze abakenyezi barenga 100 bo muri Amerika, babatwara amafaranga arenga imiriyoni 100 z’amarand yo muri Afrika y’Epfo, angana n’amadolari y’Abanyamerika imiriyoni zitandatu.

    Bafashwe i Cape Town mu 2021. Bakekwa kuba bari mu murwi w’abagizi ba nabi witwa Black Axe, ukomoka muri Nigeria kandi ukekwako ubusuma bwo kuri internet, urudandazwa rw’abantu n’ubwicanyi.

    Bamwe mu bo bakekwa kwiba ni abakukuruke n’abadandaza. Polisi ivuga ko abo bantu babanza kubiyegereza kuri internet, bakabumvisha ko babakunda, mu nyuma bakabahenda bakabaka amafaranga.

    Abakekwa barakurwa mw’ibohero ryo muri Cape Town, bashikirizwe abakozi ba FBI n’urwego rwa Amerika rujejwe gukingira abakuru b’igihugu, Secret Service.

    Bageze muri Amerika, bazokwagirizwa ubusuma bwo kuri internet no kunyegeza inkomoko y’amafaranga.

    Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika buvuga ko ivyaha bagirizwa bitaremezwa na sentare kandi ko bafatwa nk’abatagira icaha gushika kibagiriye.

  3. Anthropic: AI yarakoreshejwe mu migambi yo guhindura ivyiyumviro vy’abantu muri Afrika

    claude AI

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Ikigo co muri Amerika gikora ubushakashatsi ku bwenge buhinguwe, AI, kivuga ko cahagaritse imigwi gikeka ko ishigikiwe n'amareta a za reta, yagerageza guhindura ivyiyumviro vy’abantu ku mbuga hwaniro.

    Anthropic ivuga ko iyo migambi yerekeye intambara yo muri Sudan, amatora yo muri Kenya yo mu 2027 hamwe no muri centrafrique.

    Mu cegeranyo cayo gishasha, ico kigo kivuga ko amatohoza yakoze yerekanye ko urwego rw’Uburusiya rujejwe iperereza ryo hanze rwari inyuma y’igikorwa co gushigikira Kremlin muri Repubulika ya centrafrique.

    Muri Kenya, Anthropic ivuga ko yavumbuye umugambi ushigikiye reta, wakwiragiza ubutumwa bwiyerekana nk’aho bwavuye mu banyagihugu bashigikiye ingingo nshasha ya reta ijanye n’igisirikare.

    Ico kigo cavuze ko “imvugo ishigikira ubutegetsi hamwe n’amajambo yakoreshejwe aherekejwe n’ikimenyetso #, vyerekana ko uwo mugambi ushobora kuba wari ufise aho uhuriye n’urunani ruri ku butegetsi”.

    Muri Sudan, Anthropic ivuga ko yabonye umugwi ushigikira Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu, UAE, wakwiragiza ubutumwa bwibasira intumwa zidasanzwe za ONU zari zaneguye ibikorwa vya UAE muri Sudan.

    Anthropic ivuga ko yizeye cane ko uwo mugwi ufitaniye isano n’abategetsi ba UAE.

    Aya makuru ari mu cegeranyo gishasha c’ico kigo ku ikoreshwa ribi rya AI n’ingaruka ubwo buhinga bushobora kugira ku mutekano w’isi.

  4. Raba amafoto y’ umunsi ibitero vy’iterabwoba vyaba muri Amerika mu 2001

    Abanyamerika bariko baribuka imyaka 25 iheze habaye ibitero vyo ku wa 11 Nyakanga(9) 2001, vyahitanye abantu hafi 3.000.

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, reu

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

    g

    Ahavuye isanamu, Reuters

  5. RD Congo : Abantu barenga 2.000 baraye hanze inyuma y’imiriro yadutse i Bukavu

    Umuriro i Bukavu

    Nk’uko tubikesha Radio Okapi, abantu barenga 2.000 bateshejwe izabo n’imiriro yadutse ku wa kane ku mabarabara ya Funu B na Kasheke i Bukavu, muri Kivu y’Epfo, baraye hanze ata ho bikinga.

    Abakorera muri ako karere bavuga ko abenshi muri bo ari abakenyezi bibungenze, abana hamwe n’abageze mu zabukuru.

    Iyo miryango iva mu nzu zirenga 500 zafashwe n’umuriro. Ubu nta buraro ifise kandi ikeneye imfashanyo yihutirwa, harimwo ivyo kwifuka, ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa.

    Bienfait Ngolombe, umwe mu bategetsi bo muri ako karere, yasavye abafise umutima wo gufasha gutabara iyo miryango.

    Yongeyeko ko ivyo biharuro ari ivy’agateganyo kandi bishobora kwiyongera.

    Hagati aho, igisata c’indero ca Bukavu 3 cavuze ko abanyeshure bashika 29 bapfiriye mu mugundano wabaye igihe bariko barahunga umuriro. Amashure ya Furaha na Ujamaa na yo yafashwe n’umuriro.

    Ku wa gatanu mu gitondo, ibitaro n’abategetsi bo muri ako karere nta makuru mashasha bari bwatangaze ku banyeshure 25 bari bajanywe kuvurirwa mu bitaro bitandukanye.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Araghchi: Irani 'yarasambuye bikomeye' icicaro c’ingabo za Amerika

    Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi,

    Ahavuye isanamu, EPA

    Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, avuga ko ingabo z’igihugu ciwe zononye bikomeye icicaro c’ingabo za Amerika zo mu mazi kiri muri Bahrain.

    Araghchi yashimiye Hung Cao, umunyamabanga w’agateganyo w’ingabo za Amerika zo mu mazi, avuga ko yemeye ata guhisha uburemere bw’ibitero vya Irani.

    Mu kiganiro Cao yahaye ikinyamakuru The Epoch Times, yavuze ko ibitero vya Irani vyononye bikomeye ikambi ya Naval Support Activity Bahrain, ibamwo icicaro c’umugwi wa gatanu w’ingabo za Amerika zo mu mazi, US Fifth Fleet.

    Cao yavuze ko ingabo za Amerika ziriko zirasuzuma ico zokora kuri ico cicaro. Yavuze ayo majambo inyuma yo kugendera ahasanurirwa ubwato mu gisagara ca Philadelphia.

    The Epoch Times ivuga ko amafoto yagiye ahabona yerekana ibice vyononekaye kuri iyo kambi, kandi ko amajambo ya Cao ari bwo bwa mbere umutegetsi mukuru wa Amerika yemeye ku mugaragaro ingaruka z’ivyo bitero.

    Muri Ruheshi(6), Irani yari yavuze ko yateye ico cicaro ikoresheje misile na drone. Ariko ico gihe ubuyobozi bw’ingabo za Amerika muri ako karere, CENTCOM, bwavuze ko ibitero vya Irani ataco vyakoze.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Yemen: Aba-Houthi bafashe izinga rikomeye mu nzira icamwo ibitoro

    Abarwanyi b'aba houthis

    Ahavuye isanamu, AP

    Amakuru ava muri Yemen avuga ko abarwanyi b’umuhari w’Aba-Houthi, ushigikiwe na Irani, wafashe izinga rikomeye riri mu muhora wa Bab al-Mandab.

    Uwo muhora uri ku bwinjiriro bw’Ikiyaga Gitukura kandi ni imwe mu nzira zikomeye z’ubudandaji bwo mu mazi kw’isi.

    Bivugwa ko ingabo za reta ya Yemen zari zabanje kuva kw'izinga rya Perim, rizwi kandi kw’izina rya Mayyun.

    Aba-Houthi bamaze igihe bakora ibikorwa vya gisirikare bigamije gufata no kugenzura umuhora wa Bab al-Mandab. Uwo muhora ucishwamwo ibitoro vyinshi Arabie Saoudite ishora mu makungu.

    Ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika bivuga ko Umuganwa samuragwa wa Arabiya Sawudite, Mohammed bin Salman, yahamagaye Perezida Donald Trump incuro zibiri ku wa kane, amusaba kugaba ibitero ku birindiro vy’Aba-Houthi.

    Ariko ivyo bimenyeshamakuru bivuga ko Perezida Trump yanse ico gisabo.

    Hagati aho, Irani yatangaje ko umushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yavuganye na mugenzi we wa Arabiya Sawudite ku bijanye n’ingene amahoro n’umutekano vyosubizwa muri ako karere.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Ingabo za Uganda zihakana kwivanga mu gusimburana ku bwami bwa Tooro

    Col Chris Magezi yambaye imyenda ya gisirikare areba ku ruhande.

    Ahavuye isanamu, UPDF

    Insiguro y'isanamu, Col Chris Magezi yavuze ko ingabo za Uganda zitakuyeho abarinzi b’ibwami cyangwa ngo ziheze mu rugo abo mu muryango w’ibwami

    Ingabo za Uganda (UPDF) zahakanye kwivanga mu isimburana ku bwami bwa Tooro, mu burengerazuba bw’icyo gihugu, nyuma yuko umugabekazi (nyina w’umwami) ashinje ingabo kugota ingoro y’ibwami no kugabanya urujya n’uruza rw’abo mu muryango w’ibwami.

    Col Chris Magezi, umuyobozi w’agateganyo ushinzwe gutangaza amakuru muri UPDF, yavuze ko ingabo za Uganda zitakuyeho abarinzi b’ibwami cyangwa ngo ziheze mu rugo abo mu muryango w’ibwami cyangwa ngo zibafungishe ijisho nkuko zibishinjwa.

    Mu itangazo ku rubuga nkoranyambaga rwa X, Col Magezi yagize ati: “Ibi ni ukugira ngo byumvikane neza ko UPDF NTIYAKUYE ku ngoro Abarinzi b’Ubwami bwa Tooro nkuko zibishinjwa. Rwose, si ukuri ko abatuye mu Ngoro y’Ibwami bahejejwe mu rugo cyangwa bafungishijwe ijisho nkuko byumvikanishwa.”

    Ahubwo ingabo za Uganda zavuze ko zongereye umutekano mu nkengero y’Ingoro ya Karuziika kuko abantu benshi bitezwe kwitabira itabarizwa (ishyingurwa ry’umwami) ry’Umwami Oyo, no kubera impungenge ku mutekano zifitanye isano no kuba ubwo bwami buri hafi yo mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Iryo tangazo rikurikiye ibirego by’Umugabekazi Best Kemigisa ko abarinzi b’ibwami bakuweho nta nteguza bagasimburwa n’ingabo za Uganda. Yanavuze ko umukuru w’umuryango w’ubwami bwa Tooro, Omubiito Charles Kamurasi Kayondo, uzwi nka Omusuuga, yajyanwe ahantu hatazwi.

    Ingabo za Uganda zivuga ko nta ruhare na ruto zifite mu gusimburana kw’ibwami.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza yahaye icyubahiro abishwe ku itariki ya 11/9 barimo Abongereza 67

    Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Andy Burnham yambaye ikositimu y'umukara, karuvati y'umukara n'ishati y'umweru. Yambaye indorerwamo areba imbere ahajya kuba ku ruhande. Inyuma ye hari ibendera ry'Ubwongereza.

    Ahavuye isanamu, PA Media

    Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Andy Burnham avuga ko “urwango n’ubwoba ntibyagize ijambo rya nyuma ku itariki ya 11 Nzeri (9)” mu mwaka wa 2001.

    Mu butumwa yatangaje muri iki gitondo ku rubuga nkoranyambaga rwa X, ku isabukuru ya 25 y’ibitero byagabwe muri Amerika n’umutwe w’abahezanguni wiyitirira idini rya Isilamu wa al-Qaeda, yahaye icyubahiro “abantu hafi 3,000 bishwe, barimo Abongereza 67”.

    Avuga ko azirikana abantu babuze inshuti zabo n’abo mu miryango yabo, yongeraho ati: “Igihe gishobora gushira, ariko ndabizi ko agahinda kenshi kagihari n’uyu munsi.”

    Avuga ko “abashaka gusenya uburyo bw’imibereho bwacu ntibazigera na rimwe batsinda”, yongeraho ko yabonye “ukutagamburuzwa nk'uko” i Manchester mu gihe cyakurikiye ibitero bibiri byahagabwe ubwo yari umuyobozi w’uwo mujyi.

    Agira ati: “Sinzibagirwa na rimwe ubutumwa bwo kwifatanya hamwe n’ubw’ubushuti bwoherejwe n’abantu bo hirya no hino muri Amerika bari bazi neza kurusha undi muntu wese akababaro k’umujyi wacu.”

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Abiciwe mu bitero byo ku ya 11/9 muri Amerika baribukwa nyuma y'imyaka 25 bibaye

    Inyubako ndende y'amagorofa irimo kuvamo umwotsi mwinshi nyuma y'igitero muri Amerika, ku itariki ya 11 Nzeri (9) mu mwaka wa 2001. Iruhande rwayo hari izindi nyubako ndende.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Imihango yo kwibuka ku nshuro ya 25 abiciwe mu bitero byo ku itariki ya 11 Nzeri (9) mu 2001 muri Amerika byagabwe n’umutwe w’abahezanguni wiyitirira idini rya Isilamu wa al-Qaeda iraba uyu munsi muri Amerika.

    Ku itariki ya 11 Nzeri mu 2001, abantu 2,977 barishwe ubwo ba rushimusi bagushaga indege eshatu mu nyubako y’amagorofa ya World Trade Center mu mujyi wa New York muri Amerika no mu nyubako y’ibiro bikuru by’ingabo z’Amerika (Pentagon) muri leta ya Virginia.

    Indege ya kane yashimuswe yaguye mu murima muri leta ya Pennsylvania nyuma yuko abagenzi bahanganye n’abayishimuse.

    Ibikorwa byo kwibuka abishwe biraba n’i London mu Bwongereza mu nyubako ya Queen Elizabeth Olympic Park, guhera saa tanu z’amanywa (11:00 BST), ni ukuvuga saa sita z’amanywa (12:00) zo mu Rwanda no mu Burundi.

    Ibikorwa byo kwibuka birabera n’ahantu hatatu indege zagushijwe i New York, muri Virginia no muri Pennsylvania.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Netanyahu agiye kurega ikinyamakuru cyatangaje ko UAE yari yamuburiye ku gitero cyo ku itariki ya 7 y'ukwa 10

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu arimo kuvuga mu kiganiro n’abanyamakuru i Yeruzalemu, ku itariki ya 8 Nzeri (9) mu mwaka wa 2026.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ibiro bya Netanyahu byavuze ko iyo nkuru iri muri gahunda y'"umugambi mubisha"

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yabwiye abanyamategeko ngo batangire ikirego ku isebanya ku kinyamakuru cyo muri Israel kubera amakuru cyatangaje ko umutegetsi wa Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) yari yamuburiye ko umutwe wa Hamas wari urimo gutegura igikorwa cya gisirikare habura iminsi ngo habe ibitero byo ku itariki ya 7 Ukwakira (10) mu 2023.

    Nkuko bikubiye muri bimwe mu bice by’igitabo byatangajwe n’ikinyamakuru Haaretz, Perezida wa UAE Sheikh Mohammed bin Zayed Al Nahyan yagiranye ikiganiro kuri telefone na Netanyahu muri Nzeri (9) y’uwo mwaka.

    Iyo nkuru ivuga ko Netanyahu yaburiwe ko Yahya Sinwar, wari umukuru wa Hamas muri Gaza icyo gihe, yari arimo gutegura igikorwa kinini cya gisirikare.

    Ibiro bya Netanyahu byavuze ko “nta kuburira kwabayeho kuri minisitiri w’intebe kuvuye muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu mbere y’itariki ya 7 Ukwakira”, bivuga ko iyo nkuru iri muri gahunda y'"umugambi mubisha".

    Ikinyamakuru Haaretz, gifite amateka yo kunenga cyane uwo minisitiri w’intebe, cyavuze ko gihagaze ku itangazamakuru ryacyo ndetse cyanze icyo kirego cyo gusebanya cya Netanyahu, kivuga ko “intego yonyine [y'icyo kirego] ni ugucecekesha itangazamakuru rinenga”.

    Iyo nkuru – no kuyihakana mu burakari kwa Netanyahu, agashinja Haaretz ibinyoma – itangajwe mu gihe ibikorwa byo kwiyamamaza mu matora rusange byatangiye gushyuha. Ayo matora yo ku itariki ya 27 Ukwakira uyu mwaka afatwa na benshi nka kamarampaka izaba irimo gukorwa ku butegetsi bwa Netanyahu.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Ukraine ivuga ko abantu batanu biciwe mu gitero cy'Uburusiya ku iduka rinini naho abandi 67 barakomereka

    Abazimya inkongi babiri bari mu kazi ku modoka yahiye nyuma y'igitero cy'Uburusiya muri Ukraine

    Ahavuye isanamu, State Emergency Service of Ukraine

    Abategetsi bo muri Ukraine bavuga ko abantu batanu bishwe naho abandi 67 barakomereka ubwo indege nto y’intambara itajyamo umupilote (izwi nka ‘drone’) y’Uburusiya yarasaga ku iduka rinini ryo mu mujyi wa Pavlohrad, mu karere ka Dnipropetrovsk, mu burasirazuba bw’icyo gihugu.

    Minisitiri w’ubutegetsi bw’igihugu wa Ukraine Ivan Vyhivskyi yavuze ko amaduka n’imodoka byarashweho muri icyo gitero cyo ku manywa cyabaye “ubwo imihanda yari yuzuyemo abantu”.

    Andi maduka abiri manini – yo mu mijyi ya Zaporizhzhia na Sumy – na yo mbere yaho muri iki cyumweru yarashweho mu bitero byo mu kirere by’Uburusiya, nkuko amakuru yo mu bitangazamakuru byo muri Ukraine abivuga.

    Uburusiya bwatangaje ko habaye igitero cya ‘drone’ yo mu mazi cya Ukraine mu mujyi w’ubukerarugendo wa Sochi mu ijoro ryo ku wa gatatu, cyakomerekeyemo abantu 28, hamwe n’impfu z’abandi bantu batatu zegetswe ku bitero bya Ukraine.

    Intambara isesuye irarimbanyije hagati y’Uburusiya na Ukraine kuva Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin atangije igitero kuri Ukraine, ubu hashize imyaka irenga ine n’igice.

    Umuhate mushya wo kugera ku mahoro w’intumwa zoherejwe na Perezida w’Amerika Donald Trump mu mpera y’icyumweru gishize, uko bigaragara nta byinshi bifatika wagezeho, nyuma y’ibiganiro izo ntumwa zagiranye na Putin i Moscow hamwe na Perezida Volodymyr Zelensky i Kyiv.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.