Irani yarashe ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero yagerageje
gukora giturumbuka ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, nk’uko
bitangazwa n’igisirikare ca Amerika, ni mu gihe hari hasanzwe agahengwe kari
katanguye mu mpera z’indwi iheze.
Iki gitero cabaye mw’ijoro ryakeye, isaha indwi n’iminota 45
mu masaha ya Tehran, ni ukuvuga isaha zitanu z’ijoro mu masaha ya Kigali na Gitega,
ibi bisasu vyose bikaba “vyasamburiwe mu kirere”, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi
bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM), ariko bukaba butavuze ibibanza
vyatewe.
Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi
bwa Kisilamu (IRGC) rivuga ko ryateye ikigo ca gisirikare hamwe n’ikibanza c’ubugenzuzi
vy’ingabo za Amerika muri Yorodaniya rikoresheje ibisasu vya misire za
ballistique. Rivuga kandi ko ryahagaritse amato atatu yunguruza igitoro mu
Muhora wa Hormuz.
Hagati aho, ingabo za Amerika n’iza Arabia Sawudite zateye “imirwi
y’iterabwoba ikorana na Irani” muri Irak mu kwishura igitero cakozwe ku mabwirizwa
ya Irani, nk’uko Centcom ibivuga.
Uku kurasana kuvugwa gushobora gutuma agahengwe kari kahari hagati
ya Amerika na Irani karangira, mu gihe vyari vyitezwe ko kari gutuma impande
zompi zisubira ku meza y’ibiganiro.
Amerika na Arabia Sawudite vyagavye ibitero ku “bibanza bitari
bike vy’iterabwoba vyakoreshwa mu kubika no kwunguruza ibirwanisho” mu buseruko
bwa Irak, nk’uko Centcom yabimenyesheje.
Igisirikare ca Amerika cavuze ko iki cari “inyishu ikomeye
ku bitero birenga 30 vy’indege zitajamwo abadereva [drones] vyategetswe na IRGC
mu masaha 72 aheze”, IRGC ikaba ari impfunyapfunyo y’ishami rya gisirikare
rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu.
Centcom ivuga ko igisirikare ca Irani “hamwe n’imirwi y’iterabwoba
ikoreshwa nayo bategerezwa guhagarika ibi bitero kugira birinde iyindi nyishu
y’igisirikare ca Amerika”.
Imbere y’aho ejo ku wa kabiri nyene, Arabia Sawudite yari
yatangaje ko igisirikare cayo catangiriye congera kirasambura amadrone yari agambiriye
gutera ku bigo vy’igitoro biri mu karere k’ubuseruko bw’ico gihugu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi
Jenerali-Majorpo Turki al-Maliki, yavuze ko ayo madrone yarungitswe n’imirwi
y’abarwanyi ifitaniye isano na Irani ikorera ku butaka bwa Irak.
Iyi mishamirano yasubiye kwaduka inyuma y’umusi umwe gusa Perezida
Donald Trump wa Amerika avuze ko hari “ibiganiro vya kivandimwe” na Irani
vyariko biraba. Ico gihe, impande zompi zari zimaze iminsi itatu ikurikirana
zitarasana.
Umuhora wa Hormuz uracari ikibazo kananirabahinga mu biganiro
Tehran ihakana, ivuga ko ata n’ibiriko biraba.
Abasirikare ba Amerika nibura 624 baramaze gukomereka kuva
Trump ategetse kugaba ibitero kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk’uko
amakuru ya Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) aheruka abigaragaza.
Pentagon ivuga ko muri abo, 417 bakomerekeye mu gitero ciswe
Operation Epic Fury, igitero ca Amerika na Israel kuri Irani.
Ayandi makuru ushobora gusoma: