IKIBIRIRAHO, Irani na Amerika vyaraye bisubiye kurasana, mu bitero vyahungabanije agahengwe gato kari kamaze imisi

Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) buvuga ko bwasamburiye mu kirere ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero Irani yagerageje gukora giturumbuka.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. 13 baraye baguye muri nyamugigima mu Buyapani

    Abajejwe ubutabazi

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Sanae Takaichi, avuga ko abantu nibura cumi na batatu (13) bahitanywe na nyamugigima/umutingito ikomeye yabaye ejo ku wa kabiri mw’izinga rya Kyushu riri mu bumanuko bw’ico gihugu.

    Madamu Takaichi avuga ko abantu benshi bakiburiwe irengero canke barindiriye gutabarwa, akongerako ko abajejwe ubutabazi ubu bari mu “rugamba rwo gusiganwa n’umwanya”.

    Abategetsi bavuga ko abantu barenga ibihumbi icenda n’amajana icenda (9.900) bahungiye mu bibanza vyateguwe kwakiriramwo abataye izabo kubera iyi nyamugigima.

    Hari ubwoba ko hari abantu bamwe bakiri munsi y’ibihomoka vy’inyubakwa y’ubudandaji yasenyutse.

    Inzu hafi ibihumbi mirongo itatu n’indwi ntizigira umuyagankuba mu gihe igihugu kiri mu bushuhe burenze urugero.

    Insiguro ya video, Raba ingene vyari vyfashe igihe iyi nyamugigima ikomeye yatera ejo ku wa kabiri

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Irani na Amerika vyaraye bisubiye kurasana, mu bitero vyahungabanije agahengwe gato kari kamaze imisi

    Amato

    Ahavuye isanamu, Handout photo by US. Navy via Getty Images

    Irani yarashe ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero yagerageje gukora giturumbuka ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca Amerika, ni mu gihe hari hasanzwe agahengwe kari katanguye mu mpera z’indwi iheze.

    Iki gitero cabaye mw’ijoro ryakeye, isaha indwi n’iminota 45 mu masaha ya Tehran, ni ukuvuga isaha zitanu z’ijoro mu masaha ya Kigali na Gitega, ibi bisasu vyose bikaba “vyasamburiwe mu kirere”, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM), ariko bukaba butavuze ibibanza vyatewe.

    Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) rivuga ko ryateye ikigo ca gisirikare hamwe n’ikibanza c’ubugenzuzi vy’ingabo za Amerika muri Yorodaniya rikoresheje ibisasu vya misire za ballistique. Rivuga kandi ko ryahagaritse amato atatu yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Hagati aho, ingabo za Amerika n’iza Arabia Sawudite zateye “imirwi y’iterabwoba ikorana na Irani” muri Irak mu kwishura igitero cakozwe ku mabwirizwa ya Irani, nk’uko Centcom ibivuga.

    Uku kurasana kuvugwa gushobora gutuma agahengwe kari kahari hagati ya Amerika na Irani karangira, mu gihe vyari vyitezwe ko kari gutuma impande zompi zisubira ku meza y’ibiganiro.

    Amerika na Arabia Sawudite vyagavye ibitero ku “bibanza bitari bike vy’iterabwoba vyakoreshwa mu kubika no kwunguruza ibirwanisho” mu buseruko bwa Irak, nk’uko Centcom yabimenyesheje.

    Igisirikare ca Amerika cavuze ko iki cari “inyishu ikomeye ku bitero birenga 30 vy’indege zitajamwo abadereva [drones] vyategetswe na IRGC mu masaha 72 aheze”, IRGC ikaba ari impfunyapfunyo y’ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu.

    Centcom ivuga ko igisirikare ca Irani “hamwe n’imirwi y’iterabwoba ikoreshwa nayo bategerezwa guhagarika ibi bitero kugira birinde iyindi nyishu y’igisirikare ca Amerika”.

    Imbere y’aho ejo ku wa kabiri nyene, Arabia Sawudite yari yatangaje ko igisirikare cayo catangiriye congera kirasambura amadrone yari agambiriye gutera ku bigo vy’igitoro biri mu karere k’ubuseruko bw’ico gihugu.

    Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Jenerali-Majorpo Turki al-Maliki, yavuze ko ayo madrone yarungitswe n’imirwi y’abarwanyi ifitaniye isano na Irani ikorera ku butaka bwa Irak.

    Iyi mishamirano yasubiye kwaduka inyuma y’umusi umwe gusa Perezida Donald Trump wa Amerika avuze ko hari “ibiganiro vya kivandimwe” na Irani vyariko biraba. Ico gihe, impande zompi zari zimaze iminsi itatu ikurikirana zitarasana.

    Umuhora wa Hormuz uracari ikibazo kananirabahinga mu biganiro Tehran ihakana, ivuga ko ata n’ibiriko biraba.

    Abasirikare ba Amerika nibura 624 baramaze gukomereka kuva Trump ategetse kugaba ibitero kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk’uko amakuru ya Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) aheruka abigaragaza.

    Pentagon ivuga ko muri abo, 417 bakomerekeye mu gitero ciswe Operation Epic Fury, igitero ca Amerika na Israel kuri Irani.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.