Afrika y'Epfo iracarindiriye ubutungane ku vyaha vyakozwe na apartheid

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Sumaya Bakhsh
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Ikintu ca hafi Lukhanyo Calata yibuka kuri se wiwe ni ishingurwa ryiwe. Yibuka imbeho yari ihari nâagahinda nyina wiwe yari afise. Hari mu gihe câubukonje mu 1985, mu gisagara gito ca Cradock mu ntara ya Eastern Cape muri Afrika yâEpfo.
Yibuka ingene wamengo isi yariko igendera musi yiwe kubera ingene ibihumbi nâibihumbi bari bagandaye batambuka baririmba.
Bari bavuye mu mihingo yose yâigihugu baje gusezera se wa Lukhanyo, Fort Calata, hamwe nâabandi bagabo batatu bari bakiri bato bahavuye bamenyekana nka Bane ba Cradock (Cradock Four).
Nâaho ari kimwe mu vyaha bikomeye cane vyâigihe ca bwa butegetsi bwâivanguraruhu muri Afrika yâEpfo, buzwi nka apartheid, ababikoze gushika ubu ntibarigera barengutswa, nâaho Umurwi wo kunywanisha no kurekuriranira muri ico gihugu (TRC), utabahaye ubudahangarwa.
Ariko ubu urugamba rwo kuvyura amatohoza kuri ubwo bukozi bwâikibi, hamwe nâubundi buharurwa mu majana bwakozwe mu gihe câivangura rya apartheid, ruriko rurakomera.
Ubwicanyi bwa Cradock bwo mu 1985 bwateje uburakari mu gihugu cose.
Umukuru wâumugambwe utari wemewe nâamategeko ico gihe, ariwo African National Congress (ANC), Oliver Tambo, yashikirije ijambo isinzi ryâabantu bari bitavye ibirori vyo gushingura umuhisi mu butumwa yarungitse ari mu buhungiro.
Uwo musi, Perezida Pieter Willem Botha yatangaje ibihe bidasanzwe mu ntara ya Eastern Cape, vyaje gukwira igihugu cose mu mwaka wakurikiye. Iyo ngingo yahaye ububasha bwose bwo gutuza ibikorwa vyâabarondera ko ubutegetsi bwâinkehwa zâabazungu buvaho.
Nkâuwuhagarariye United Democratic Front (UDF), umuhari wari uhurikiyemwo imirwi iharurwa mu majana yarwanya ivanguraruhu, umwe muri aba bane, Matthew Goniwe, rimwe na rimwe yaraja mu gisagara ca Port Elizabeth mu manama. Muri rumwe muri izi ngendo ku wa 27 Ruheshi (6), yari yaherekejwe na Fort Calata, Sparrow Mkhonto hamwe na Sicelo Mhlauli.

Ahavuye isanamu, Fort Calata Foundation
Aba bantu bane bari barongoye abandi bari bazwi mu gipolisi ko barwanya ibikorwa vya apartheid. Igihe bari bamaze kugenda ibirometero 200 basubira i Cradock, barahagaritswe kwâibariyeri yâigipolisi.
Bahavuye batorwa ibiziga mu bibanza bitandukanye vyaturiwe.
Mu ntango, reta yabanje guhakana ko ata ruhara yagize muri ubu bwicanyi, mbere amatohoza yakozwe mu 1987 yasanze aba bagabo bane bishwe n'"abantu batamenyekanye".
Ariko mu mpera zâubu butegetsi bwâinkehwa zâabazungu mu 1993, haruguruwe amatohoza agira kabiri inyuma yâinkuru yanditswe nâikinyamakuru yavuga ko hari ubutumwa bwa gisirikare bwo mwâibanga bwarungitswe busaba ko Goniwe, muvyarawe Mbulelo Goniwe hamwe na Calata âbazimanganwa mu kibano burunduâ.
Iyi nkuru yarangiza ivuga ko inzego zijejwe umutekano ari zo zabishe ariko nta mazina yâababikoze yadomweko urutoke.
Ubutungane buracarindiriwe
Lukhanyo Calata yari afise imyaka itatu igihe se wiwe yicwa. Inyuma yâimyaka 38, imiryango yâaba Bane ba Cradock iracarindiriye ko ababukoze barengutswa imbere yâubutungane.
Ubu bwicanyi ni bumwe mu mabi ibihumbi nâibihumbi bumaze kwumvirizwa nâumurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira kugira ngo Afrika yâEpfo ikire inkovu zâubutegetsi bwa apartheid kuva burangiye.
Perezida Nelson Mandela yasavye Musenyeri mukuru Desmond Tutu kurongora uyu murwi washira imbere gukiza igihugu biciye mu kunywanisha no kurekuriranira kugira ngo ntihabe ukwihorahorana inyuma yâimyaka mirongo yâubugome.

Ahavuye isanamu, AFP
Warahurije hamwe abakoze ubukozi bwâikibi, ivyabona hamwe nâabakorewe amabi yakozwe mu gihe ca apartheid kugira batange ibishingantahe ku mugaragaro. Umurwi wo kunywanisha no kurekuriranira warahaye akaryo abo bose bemeye ivyaha bakoze ko kuronswa imbabazi, ibi bikaba nibura vyatumye ababuze ababo baronka ihumure mu kumenya ivyashikiye abakunzi babo.
Imbere yâumurwi wo kunywanisha no kurekuriranira, batandatu muri aba bapolisi indwi bemeye ko bagize uruhara muri ubu bwicanyi bwâaba Bane ba Cradock nta mbabazi bahawe ku mvo zâuko hari ivyo batashatse gushira ahabona.
Uru ni rumwe mu manza zababa 300 umurwi TRC warungitse mu bucamanza mu 2003 kugira hakorwe amatohoza yimbitse hanyuma imanza zicibwe.
Ariko ku miryango yari imaze imyaka mirongo irindiriye ko ubutungane buyitunganiriza ku bantu bayo, ivyakurikiye vyabaye ukurindira amaso agahera mu nzira kuko izi manza zose zitigeze zikorwako.
Ntibiratomoka igituma abategetsi babandanya bakwega amaguru.
Insiguro ishoboka yâuku gukwega amaguru yagiye ahabona mu 2015, igihe mwenewabo na Nokuthula Simelane, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu yabuzwe irengero mu 1983, yuguruje urubanza asaba ko haba amatohoza kwâibura ryiwe.
Uru rubanza rwatumye abahoze mu nzego zâubucamanza barenguka bakavuga ko reta yazibiye amatohoza no guca imanza zarungitswe nâumurwi wo kunywanisha no kurekuriranira, harimwo nâurwâumwigeme Simelane.
Bavuga ko hari ubwoba bwâuko amatohoza ku vyaha bimwe bimwe yari gutuma bamwe mu banywanyi bâumugambwe ANC urongoye igihugu basabwa kurenguka kubera uruhara rwabo mu guhonyanga agateka ka muntu mu gihe co kurwanya apartheid.
BBC yarasavye reta ya Afrika yâEpfo kugira ico ibivuzeko, ariko gushika ubu nta nyishu iraronka.
Nta matohoza arigera akorwa ku birego vyâabanyaporitike vyo kwivanga muri izi manza nâimpamvu zishobora kuba zarabiteye.
Hagati aho, aya makuru asa nâayuhirira ababuranira abakorewe amabi bamaze imyaka itari mike badodora mu miryango yugaye.
Calata ati: âAmaherezo vyaje kuba ivyemezo ku vyo twari tumaze igihe tuzi, gusa ico gihe ntitwashobora kuvyemezaâ.

Ahavuye isanamu, Family of Nokuthula Simelane
Simelane yari umunywanyi wâumuhari uMkhonto we Sizwe, ishami rya gisirikare rya ANC, igihe yanyuruzwa mu gituro câamamodoka co mu kuzimu mu gisagara ca Johannesburg mu kwâicenda 1983, akamara amayinga akorerwa iyica rubozo, nkâuko biri mu gishingantahe catanzwe nâabapolisi bâigihe ca apartheid imbere yâumurwi wâukunywanisha no kurekuriranira. Ikiziga ciwe ntikirigera gitorwa.
Umushikiranganji wâintwaro ibereye nâimico kama, Thembi Nkadimeng, rimwe rimwe arizera ko azoruhira kubona mukuruwe mu ndoto ziwe. Ivyo yibuka kuri Simelane bigenda bizimangana, kandi si vyinshi, ariko aribuka ingene yakunda guteka, ingene yategura ameza akagaburira umuryango wiwe mu mice itatu.
Ati: "Ndibuka mama avuga ngo: 'Urateka ariko ntufungura!'â
Umupfasoni Nkadimeng aricuza kubona atagifise agashimwe kiwe Simelane yamuguriye igihe yagira isabukuru yâimyaka icenda. Haciye amezi make, mukuru we yaciye aburwa irengero, akanya gato imbere y'uko ahimbaza isabukuru y'imyaka 22.
Ariko ikimubabaza gusumba ni igihe kirekire kihaciye ata gikozwe. Babiri muri bane bahoze ari abapolisi bagirizwa kwica mukuruwe barapfuye. Urubanza rwa babiri basigaye rwazingamitswe no gucererwa.
Batatu muri bano bane bagirizwa barasavye umurwi wo kunywanisha no kurekuriranira ko wobababarira kwâiyica rubozo bakoreye Simelane ariko barankiwe. Nta nâumwe yasavye kubabarirwa ku caha co kumwica.
'Uruhombo runini'
Katarzyna Zdunczyk, umukuru wâigisata kijejwe imigambi mwâishirahamwe ryo muri Afrika yâEpfo riharanira agateka ka muntu, Foundation for Human Rights, avuga ko gusubira kwugurura amatohoza mu 2017 ku rupfu rwa Ahmed Timol yabaye impinduka ikomeye.
Uwahoze ari mwâishami ryâigipolisi rijejwe umutekano yaragirijwe urupfu rwa Timol umwaka wakurikiye ariko akaba yapfuye ataracirirwa urubanza.
Mu ntango zâuno mwaka, imiryango yâababuze ababo yarishimiye amakuru avuga ko igisata câabashikirizamanza, National Prosecuting Authority (NPA), cagenye uwahoze ari komiseri mu murwi wo kunywanisha no kurekuriranira, Dumisa Ntsebeza, kugira ngo yihweze ingene uyu murwi wakemuye ibibazo vyo mu gihe ca apartheid.
Kivuga ko iyi ngingo yisunze utwigoro two mu myaka mike iheze two âkuzibira abanyeporitike borondera kwivangaâ mu manza.
Ariko umupfasoni Zdunczyk abona ko aya matohoza atazoshobora kwinjira mwâido nâido ryâingene abanyaporitike bivanze muri ibi bibazo, akavuga ko ari nkenerwa ko hashingwa umurwi wigenga ujejwe amatohoza kuri ibi birego.
Mu gihe abenshi mu babigizemwo uruhara nâivyabona bikuru bikuru bamaze gushengera, icizere co gutorera umuti izi manza ni gito cane.
Ariko Calata avuga ko azobandanya urubanza rwâabishe se wiwe.
Ati: "Ndashobora kuja ku mva yiwe, nâaho haciye imyaka 38, nkavuga nti: 'Papa, ubu ndizeye ko ushobora kwiruhukira mu mahoro kubera abantu bagushize aho uri vyarangiye bakubiswe intahe mu gahanga'".
Umupfasoni Nkadimeng avuga ko umuryango wiwe urondera ko ibintu bihera. Se wiwe na musazawe bapfuye batabonye ingene Simelane yahambwe, ariko yizeye ko nyina wiwe azobibona.
Ati: "Narigeze kuba mfise umukobwa tuvukana. Kuri mama wanje, yaravyaye umwana wâumukobwa uno musi adashobora kumenya aho ari. Ntashobora gushika ku mva yiwe, ntashobora kumuhambaâ.
"Nibaza ko uru ari rwo ruhombo rukomeye gusumba ibindi vyose, kubona abandi bantu bashobora gupfa bapfanye ububabare bwaboâ.










