Kenya yasavye imbabazi Abarundi babayo ibizeza ko izobakingira

Ahavuye isanamu, Abraham Korir Sing'Oei / Facebook
Reta ya Kenya yasavye imbabazi Abarundi baba muri ico gihugu, inyuma y’aho bamwe muri bo bavugiye ko batewe ubwoba canke bakagirirwa nabi.
Ivyo vyakurikiye amajambo Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ku banyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto.
Korir Sing’Oei, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ku wa mbere yagiye kubahumuriza kuri ambasade y’Uburundi i Nairobi.
Abarundi amajana bari bahakoraniye gusaba impapuro z’inzira zo gutaha kubera ubwoba bari bafise.
Sing’Oei yavuze ko ingingo ya reta yerekeye abanyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto badafise uruhusha, atari abanyamahanga bose.
Yabasavye kuguma batekanye, avuga ko reta izokwongera abajejwe umutekano mu turere Abarundi benshi babamwo, harimwo Bahati na Muthurwa two ku murwa mukuru Nairobi, kugira ntibahohoterwe.
Yongeyeko ko abipfuza kuguma muri Kenya bazofashwa kwandikwa no kuronka ibyangombwa bikenewe. Abafise uruhusha rwo gukora urudandazwa bakazobandanya ibikorwa vyabo.
Sing’Oei yavuze ko intumbero ya Kenya ari uko Abanyafrika bose, na cane cane abo muri Afrika y’Ubuseruko, babana nk’abavukanyi.
Izindi nkuru wasoma:
