Ubwato butwara igitoro bwa Iran bwarenganye aho Amerika yari yarazibiye, inyuma y’amasezerano
N'imiburiburi ubwato butatu butwaye igitoro bwa Iran bwararenganye muri iyi ndwi aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zari zazibiriye ibivuko vy’ico gihugu, mu gihe ubundi bugira kane budatwaye imizigo buriko bwerekeza mu kiyaga ca Oman, nk’uko vyemezwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Ivyo bibaye inyuma y'uko Amerika na Iran bashitse ku masezerano y’ibanze yo guhagarika intambara no kwugurura umuhora wa Hormuz usanzwe ufise akamaro kanini mu rudandaza rwo mu mazi kw’isi.
Ukurengana kw’ubwo bwato bwa Iran kwerekana ko ico gihugu gitanguye bukebuke gusubira gushorera mu mahanga igitoro, ibishobora gutuma congereza amikoro n’ubwo urugero rw’ivyo Ubushinwa – igihugu gisanzwe kigura igitoro cinshi kiva muri Iran- bugura, ruguma ruri hasi kubera inyungu ntoya iva ku masoko yo mu gihugu hagati.
Ubwato bubiri bunini cane buzwi nka Hero II na Diona, bumwe bwose bwari butwaye imiriyoni zibiri z’utugunguru tw’igitoro, bwarenganye mu kigobe ca Oman bukaba buriko bwerekeza mu buseruko, nk'uko amakuru atangwa n’ikigo gikurikirana ingendo z’ubwato avyerekana.
Ubwato Sonia I bwo mu bwoko bwa Suezmax, butwaye umuriyoni w’utugunguru, na bwo nyene bwarenganye aho Amerika yari yazibiriye ibivuko vya Iran. Buriko bugana muri Singapour, nk'uko amakuru y’ibigo Kpler, Vortexa na LSEG avyemeza.
Ubwato bunini buzwi nka VLCC Stream bufitaniye isano na Iran, budatwaye imizigo, buriko bwerekeza aho ingabo za Amerika zari zazibiye, nk'uko amakuru ya Kpler na LSEG abandanya avyerekana.
Ingingo ya Amerika yo kuzibira ibivuko vya Iran, mu gihe Iran nayo yari yazibiye umuhora wa Hormuz, yatumye igitoro Iran ishorera mu mahanga kigabanuka gushika musi ya kimwe ca gatanu muri Rusama (5), urugero rwa mbere rutoya rutari bwigere rushikwako mu myaka itandatu.
Ni ukuvuga ko Iran yari isigaye ishorera hanze utugunguru tw’igitoro 260.000 ku munsi gusa, mu gihe mu mwaka uheze urwo rugero rwari ku tugunguru imiliyoni 1,67 ku musi.
Umutegetsi mukuru wa Amerika yavuze ku wa kabiri ko, hisunzwe amasezerano yo guhagarika intambara yashitsweko hagati y’ibihugu vyompi, Amerika igiye kwemerera Iran gutangura, ubwo nyene, gushorera igitoro mu mahanga.
Izindi nkuru wosoma: