Umukuru w’Abangilikani ku isi yasuye Papa Leo amushimira ibyo yavugiye muri Afurika
Sarah Mullally yagize ati: “Wavuganye imbaraga urwanya akarengane kari mu isi yacu uyu munsi...Isi yari ikeneye buriya butumwa muri iki gihe.
Incamake
- Abantu nimiburiburi 42 bishwe muri Tchad inyuma y'amatati avuye kw'iriba ry'amazi...
- Abasuma bo mumazi bafashe ubundi bwato ku nkengera za Somalia mu gihe iterabwoba ryiyongereye
- Iran 'yasabye Amerika guhagarika intambara burundu na yo igafungura Umuhora wa Hormuz'
- Igihe yashika mu Burusiya Araghchi yagirije Amerika gutuma ibiganiro bitagenda neza
- Umwe mu bakozi bateguraga urubyiniro rw'igitaramo cya Shakira i Rio yapfuye
- Ubuserukizi bw'Uburundi muri Afrika y'Epfo busaba Abarundi kwiyubara mu gihe c'imigumuko.
- DR Congo yashinze 'umutwe w'ingabo' wo kurinda ibirombe
- 'Umunsi utazokwibagirana': Sebastian Sawe inyuma yo kwandika amateka muri marathon i Londres
- "Nta bwoba nari mfite" – Trump ku gitero muri hoteli yari arimo
- Ibitero vya Israel vyahitanye abantu 14 muri Liban mu gihe agahengwe k'intambara kagihari
- Abbas Araqchi wa Iran yageze mu Burusiya 'gusaba ubufasha' Putin
- Umwalimu wakoze igitero kuri hoteli yarimo Trump n'abanyamakuru yatangajwe umwirondoro
- Umushikiranganji w'ukwivuna abansi muri Mali yaraye yiciwe mu bitero
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo
South Sudan: Impanuka y’indege hafi ya Juba yahitanye abantu 14 bari bayirimo

Ahavuye isanamu, Alamy
Insiguro y'isanamu, Indege yo mu bwoko bwa Cessna 208 Caravan niyo yakoze impanuka - ifoto yo mu bubiko Indege yo mu bwoko bwa Cessna 208 Caravan yakoze impanuka mu nkengero z’umurwa mukuru Juba wa Sudani y’Epfo yica abantu 14 bari bayirimo, nk’uko ikigo cy’indege za gisivire muri iki gihugu cyabivuze mu itangazo.
Icyo kigo kivuga ko iyo ndege yari ivuye mu gace ka Yei yerekeza i Juba kuri uyu wa mbere maze ikabura itumanaho mbere gato ya saa yine z’amanywa iri muri 20km uvuye i Juba.
Iyo ndege yarimo abagenzi 13 n’umupilote, bari Abanyadani y’Epfo 12 n’abanyekenya babiri, “nta warokotse”, nk’uko itangazo ry’icyo kigo ribivuga.
Ikirere kibi gitera kutabona k’utwaye indege ni byo icyo kigo kivuga ko byaba byateye iyi mpenuka.

Ahavuye isanamu, UGC
Insiguro y'isanamu, Abantu 14 bari bari muri iyo ndege nta n'umwe warokotse Izindi nkuru wasoma:
Umukuru w’Abangilikani ku isi yasuye Papa Leo amushimira ibyo yavugiye muri Afurika

Ahavuye isanamu, Vatican Media
Insiguro y'isanamu, Sarah Mullally ni we mugore wa mbere ukuriye itorero ry'Abangilikani ku isi, umurimo yatangiye mu kwezi gushize Mu ruzinduko ryakoreye i Roma, umukuru w'idini ry’Abangilikani ku isi yashimiye Umukuru wa Kiliziya gatulika ku isi ku magambo "akomeye" yo kwamagana amabi aherutse kuvugira mu ruzinduko rwe muri Afurika.
Dame Sarah Mullally, umugore wa mbere ukuriye Abangilikani ku isi akaba n’umukuru w’iryo torero mu Bwongereza, yahuye kandi asengana na Papa Leo i Vatican kuri uyu wa mbere.
Nyuma y’ikiganiro cyihariye hagati yabo, Sarah Mullally yavuze ko bombi bahuzwa no gusengera ubutabera “n’amahoro mu isi yacu”.
Abwira Papa Leo, Sarah yagize ati: “Wavuganye imbaraga urwanya akarengane kari mu isi yacu uyu munsi, ariko wanavuze kurushaho ku cyizere.
"Urugendo rwawe muri Afurika rwari rwuzuye ubuzima n’ibyishimo. Isi yari ikeneye buriya butumwa muri iki gihe. Warakoze”.
Ni nyuma y’uko Papa Leo mu kunenga ikiguzi cy’intambara ku batuye isi ari muri Cameroun yavuze ko isi "irimo gushwanyaguzwa n’abategetsi b’igitutu babarirwa ku ntoki".

Ahavuye isanamu, Vatican Media
Insiguro y'isanamu, Nyuma y’ikiganiro cyihariye hagati yabo, Sarah Mullally yavuze ko bombi bahuzwa no gusengera ubutabera “n’amahoro mu isi yacu”. Sarah Mullally agowe no gucikamo ibice kw'itorero rya Anglikani ku isi aho amatorero Anglikani muri Afurika yatangaje ko atakiri munsi y’amategeko y’uyu ubakuriye ahandi ku isi.
Mu kwezi gushize Umunyarwanda Reverand Laurent Mbanda yatorewe kuba umukuru w’ihuriro Global Fellowship of Confessing Anglicans (Gafcon) ritemera amwe mu amahame y'ubutegetsi busanzweho bw’iri dini ku isi rikuriwe Sarah Mullally.
Ari kumwe na Papa Leo uyu munsi, Sarah yatangaje ko nawe ateganya urugendo muri Afurika aho azasura Ghana na Cameroun.
Izindi nkuru wasoma:
Muri Liban, agahengwe k’intambara karagabanyije ubukari bw’intambara, ariko ntikwayihagaritse

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ishusho y’inyubakwa zasambuwe mu bumanuko bwa Liban, yafashwe iri ku mupaka wa Israël na Liban kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza(4) Mu bice bimwe bimwe vyo mu bumanuko bwa Libani, ni agahenge kw'izina gusa.Ibitero vy'indege za Israel birabandanya.
Ku musi wa Mungu honyene, abantu 14 barishwe. Ni wo musi wa mbere wahitanye abantu benshi kuva ayo masezerano y’agahengwe atanguye gushirwa mu ngiro mu ntango z’uku kwezi, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Libani.
Abanyagihugu basubiye guhunga inyuma y'aho igisirikare ca Israel gitanze ingabisho yo guhungisha ibisagara indwi biri hanze y'akarere kirimwo.
Israel ivuga ko iriko irakora mu kwishura ku co yise ukurenga ku masezerano ya Hezbollah, umurwi w'abarwanyi hamwe n'umugambwe wa politike ufise ibirwanisho kandi ufashwa na Irani.
Ayo masezerano aha Israel "uburenganzira bwo gufata ingingo zose zikenewe mu kwikingira, umwanya uwo ari wo wose, ku bitero vyateguwe, vyegereje canke bibandanya", imvugo yagutse bihagije ku buryo yokwemeza ingingo iyo ari yo yose izofata.
Ariko ayo masezerano ntavuga ko ingabo za Israël ziva ku bice bingana hafi 5% vy’ubutaka bwa Liban zigenzura. Abategetsi ba Israël bavuga ko bashaka gushiraho ico bita agace k’umutekano ku mupaka, kugira ngo bakure Hezbollah kure kandi bakingire abaturage bo mu majaruguru ya Israël.
Muri utwo duce, igisirikare ca Israël carabandanije ibikorwa n’aho hariho agahengwe, harimwo no gusambura inzu n’ibikorwa remezo ku rugero runini, ivyo Human Rights Watch yigeze kuburira ko vyoshobora gufatwa nk’ivyaha vy’intambara. inzu zose zarahindutse ivyondo.
Ubu Hezbollah iriko irishura. Ayo masezerano y’agahengwe yagiranye hagati ya Israël n’igihugu ca Liban, ariko Hezbollah ntiyari muri ayo masezerano.
Ku ntwaro ya Liban, icihutirwa cari uguhagarika amaraso n’ukwononekara vyaterwa n’ibitero vy’indege vya Israël.
Hezbollah yari yerekanye ko izokwubahiriza ayo masezerano kandi ivuga ko ifise uburenganzira bwo kwihora ku vyo yita ko ari ukurenga ku masezerano kwa Israël. Ku musi w’Imana, igisirikare ca Israël cavuze ko umusirikare umwe yiciwe muri Liban mu gitero ca drone cakozwe na Hezbollah.
Reba : Igihe Trump yasohorwaga vuba igihe umugabo yararasaga ahaberaga igikorwa cyo gusangira n’abanyamakuru
Insiguro ya video, Reba: Trump asohorwa huti huti hanze ya White House mu muhango wo gusangira n'abanyamakuru Trump yasohowe huti huti igihe umugabo witwaje intwaro yagerageza kuhinjira arasa ahaberaga igikorwa cyo gusangira n’abanyamakuru
Ku cyumweru, Trump yabwiye CBS News ati: “Nta bwoba nari mfite. Numva ubuzima. Kandi tuba mu isi itangaje”.
Amashusho yerekana abamurinda bamusohora huti huti mu cyumba bari barimo.
Abakoze iperereza ry’ibanze bavuze ko uregwa yari agambiriye abategetsi bakuru barimo na Perezida Trump.
Izindi nkuru wasoma:
Abantu nimiburiburi 42 bishwe muri Tchad inyuma y’amatati kw’iriba ry’amazi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Muri Chad harakunze kuboneka ukutumvikana bivuye kukubura amazi meza Nimiburiburi abantu 42 bishwe abandi 10 barakomereka inyuma y'imishamirano ikomeye yabereye mu buseruko bwa Chad, mu ntambara abategetsi bavuga ko yatanguye nk'ukutumvikana kw'iriba ry'amazi.
Iyo ntambara yadutse mu ntara ya Wadi Fira, mu ntango yarimwo imiryango ibiri, ariko ntiyatevye guhinduka ubwicanyi bushingiye ku moko. Abategetsi bavuga ko iyo mishamirano yatanguye kuba ibitero vyo kwihora, ikwiragira mu bigwati bitari bike, ibigwati vyinshi biraturirwa.
Intumwa za leta zirongowe n'icegera c'umushikiranganji wa mbere, Limane Mahamat, zarungitswe muri ako karere, abategetsi bakavuga ko ibintu ubu vyifashe neza. Ariko ivyo bitero vyerekana imishamirano imaze igihe muri ako karere.
Imishamirano hagati y’abanyagihugu irasanzwe muri Chad, kenshi iterwa n’uguhiganwa ku matungo make nk’amazi n’ubwatsi. Amatati hagati y’abarimyi n’aborozi, hamwe n’amacakubiri y’amoko, akenshi aherera mu bwicanyi.
Mu mezi aheruka, ibintu vyarushirije kuba bibi kubera impunzi zihunga intambara yo mu gihugu kibanyi ca Sudan, bikongera umuzigo ku matungo asanzwe ari make.
Ishirahamwe International Crisis Group rivuga ko abantu bashika 1.000 bishwe mu mishamirano nk'iyo hagati y'umwaka wa 2021 na 2024. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu agabisha ko ukudatunganya neza hamwe n'ukudahana ababikora bibandanya gutuma haba ubwicanyi mu bisagara vyasinzikaye.
Izindi nkuru wosoma:
Abasuma bo mumazi bafashe ubundi bwato ku nkengera za Somalia mu gihe iterabwoba ryiyongereye

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Impungenge zijanye n’ubusuma bwo mw'ibahari zasubiye kwiyongera ku nkengera za Somalia inyuma y’uko ubundi bwato bufashwe mu gikorwa gikekwa ko ari ugusahura mu nyanja, bituma hatangwa imburi nshasha ku bwato buca muri ako karere.
Ikigo c'Ubwongereza kijejwe ubudandaji bwo mu mazi (UKMTO) kivuga ko "abantu batabifitiye uruhusha" binjiye mu bwato bw'imizigo ku musi wa Mungu, babusubiza mu mazi ya Somalia, nko ku bilometero bitandatu uvuye i Garacad. Ico kigo cadugije igitigiri c'iterabwoba ryo mu mazi gushika kuri "kinini," gisaba ubwato kugendera mu mazi kwiyubara cane.
Ico gitero ni kimwe mu rukurikirane rw'ibitero vyabaye mu ndwi iheze. N'imiburiburi ubwato bune, harimwo ubwato bw'abarovyi hamwe n'ubwato bw'ibitoro, bwaratewe. Ubwo bwato Honor 25, butwaye abakozi 17, na bwo bwafashwe, mu nyuma buhagarara hafi y'inkengera za Somalia, nk'uko bivugwa n'abajejwe umutekano.
Abategetsi bavuga ko ikindi gitero cabaye mu ntango z'uku kwezi hafi y'igisagara ca Mareeyo, mu gihe igerageza ryo kwinjira mu bwato bw'imizigo ryasubijwe inyuma y'aho abakozi bo mu bwato barashe amasasu yo kugabisha.
Inyuma y'imyaka myinshi ubusuma bwo mumazi bugabanutse, ubusuma busa n'ubwasubiye kwiyongera muri ako karere, abahinga bakavuga ko ikiyaga cifashe neza hamwe n'ibikorwa vy'imigwi y'abasuma ari vyo bituma ivyo bitero vyongerekana.
Izindi nkuru wosoma:
Iran ‘yasabye Amerika guhagarika intambara burundu na yo igafungura Umuhora wa Hormuz’

Ahavuye isanamu, Getty & Reuters
Ikinyamakuru Axios cyo muri Amerika cyatangaje ko Iran yahaye icyifuzo gishya Amerika cy’uko mu gihe intambara yarangira burundu n’ibiganiro ku ngufu za nikleyeri bikigizwayo nayo yahita ifungura Umuhora wa Hormuz.
Ibi ni mu gihe Donald Trump yakomeje gusubiramo ko ikibazo cy’ingufu za nikleyeri za Iran ari cyo cy’ingenzi cyane mu biganiro.
Amerika ivuga ko itazigera yemerera Iran gutunga intwaro kirimbuzi ko ari yo mpamvu yagabye ibitero byo gusenya ubutegetsi n’ibikorwa-remezo by’izo ngufu.
Mu kwihimura, Iran yafunze Umuhora wa Hormuz ibyateye ihungabana ry’ubucuruzi bw’ibitoro ku isi kuko iyo nzira icamo ibigera kuri 20% y’ibigurishwa ku isi. Ingaruka ubu zirimo kugera ku isi yose.
Trump ari ku gitutu cy’amahanga ngo arangize intambara na Iran, igitutu gikomeye ku buryo gufungura umuhora wa Hormuz ari yo ngingo y’ingenzi mu biganiro hagati ya Tehran na Washington.
Hagati aho, ibinyamakuru muri Iran bisubiramo abategetsi bavuga ko Iran yasabye Amerika guhagarika intambara burundu, ubwo busabe burimo kandi no guhagarika intambara muri Liban.
Ikinyamakuru Al-Mayadeen cyo muri Liban kivuga ko Iran ibyo nibigerwaho hazaganirwa icya kabiri kigendanye no gufungura umuhora wa Hormuz hamwe no kuwugenzura.
Igihe yashika mu Burusiya Araghchi yagirije Amerika gutuma ibiganiro bitagenda neza

Ahavuye isanamu, Iranian Foreign Ministry/Getty Images
Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Abbas Araghchi, yavuze ko ivyo Amerika isaba birenze urugero vyatumye ibiganiro vy'amahoro binanirana i Islamabad, nk'uko yabibwiye abamenyeshamakuru inyuma yo gushika mu Burusiya.
Ashitse i Saint Petersburg, Araghchi yavuze ko agiye kuganira n’abafatanyabikorwa b’Uburusiya ku bijanye n’intambara iri mu Burasirazuba bwo Hagati, nk’uko yabivugiye mu kiganiro cakozwe mu rurimi rw’Igipersiya kigasangizwa ku rubuga rwiwe rwa Telegram.
Araghchi ashitse mu Burusiya inyuma y'ibiganiro n'abahuza i Islamabad, kandi yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo biganiro vyerekana ingene ibiganiro bishobora kubandanya.
Uwo Umushikiranganji yongeye kuvuga ku kwugara umuhora wa Hormuz gukorwa na Iran.
Yavuze ko uguca neza muri uwo muhora uhambaye ari ikibazo gifise akamaro ku rwego rw’isi yose, asaba ibihugu bibanyi, harimwo na Oman, gukorana cane ku nyungu rusangi bafise kuri uwo muhora.
Araghchi yerekanye ko hari ibintu vyinshi Iran na Oman bahurizako, yongerako ko bemeranije gukomeza ibiganiro ku bijanye n’uwo muhora hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Izindi nkuru wosoma :
Umwe mu bakozi bateguraga urubyiniro rw’igitaramo cya Shakira i Rio yapfuye

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ifoto yafashwe na drone igaragaza imyiteguro iri gukorwa ku mucanga wa Copacabana Beach mbere y’igitaramo ku mugaragaro cy’umuhanzikazi Shakira wo muri Colombia ku italiki 2. Zukwa.5 Umukozi umwe mu bateguraga urubyiniro ruzifashishwa mu gitaramo rusange I Rio de Janeiro yapfuye ku Cyumweru nyuma yo gukomereka mu gihe barimo guteranya urwo rubyiniro rw’icyo gitaramo kizitabirwa n’umuhanzikazi w’icyamamare wo muri Colombia Shakira, i Rio de Janeiro, nk’uko byatangajwe n’ishami ry’abazimya umuriro ry’iyo ntara mu itangazo.
Uyu wapfuye, yagize ibikomere bikomeye byo kuremererwa ku maguru nyuma yo kugwa mu gikoresho giterura ibindi (lifting system) akagiheramo, nk’uko iryo shamiryabitangaje rishingiye ku buhamya bw’ababibonye.
Biteganyijwe ko Shakira azataramira ku wa Gatandatu muri kimwe mu birori bikomeye bizabera i Rio de Janeiro, bikunze gukurura miliyoni z’abakerarugendo baza kureba abahanzi bakomeye batarama mu bitaramo ku buntu ku mucanga uzwi cyane wa Copacabana muri Brazil.
Izindi nkuru wasoma:
Ubuserukizi bw’Uburundi muri Afrika y’Epfo busaba Abarundi kwiyubara mu gihe c’imigumuko

Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, isanamu ya kera : Amabuye n'amatafari biboneka mw'ibarabara riri mu micungararo y'igisagara ca Johannesburg, ku wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga 2019. Ubuserukizi bw’Uburundi muri Afrika y’Epfo bwasohoye itangazo risaba Abarundi baba muri ico gihugu kwiyubara cane inyuma y’amakuru y’imigumuko yibasira abanyamahanga iri mu bice bitandukanye vy’ico gihugu.
Mw'itangazo ryasohowe itariki 26 z'ukwezi kwa kane i Pretoria, ambasade yavuze ko ibikorwa vy'ubwicanyi bikorerwa abimukira b'Abanyafrika, harimwo n'Abarundi vyabonetse mu ntara nka KwaZulu-Natal na Western Cape.
Yagabishije ko imishamirano nk'iyo ishobora kwongerekana mu ntara za Gauteng, harimwo Johannesburg na Pretoria, hagati y'itariki 27 na 29 z'ukwezi kwa kane, bihuriranye n'ihimbazwa ry'umunsi w'umwidegemvyo muri Afrika y'Epfo.
Ubuserukizi bwasavye Abarundi kwirinda kwegera ahabera imyiyerekano canke ibikorwa vy’urugomo, kudahangana n’abigaragambya, kugabanya ingendo zitari nkenerwa no gukurikiranira hafi amakuru y’umutekano.
Abarundi bafise uburenganzira bwo kuba no gukorera muri Afrika y’Epfo nabo basabwe guhindura ibikorwa vyabo aho bishoboka kugira bikingire.
Ubuserukizi bwashimangiye ko izo mpanuro zigamije gukingira ubuzima n’amatungo vy’Abarundi bose, busaba kandi gutanga amakuru ku bintu vyose biteye amakenga biciye ku nzira zemewe, bwongera gushimangira ko bwiteguye kubafasha aho bari hose muri iki gihugu.
Izindi nkuru wosoma :
DR Congo yashinze ‘umutwe w’ingabo’ wo kurinda ibirombe

Ahavuye isanamu, Presidence RDC
Insiguro y'isanamu, Umwe mu bategetsi yavuze ko icyo ari igitekerezo cya Perezida Félix Tshisekedi agamije kuvugurura urwego rwa mine no kurwanya imicungire mibi y’amabuye y’agaciro Urwego rushinzwe ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro muri DR Congo uyu munsi ruratangiza umutwe witwara gisirikare wp kurinda ibirombe, kubahiriza amategeko abigenga, no gukurikirana neza amabuye y’agaciro abivamo.
Rafael Kabengele ukuriye ikigo gishinzwe ‘mine’ yavuze ko uwo mutwe ari igitekerezo cya Perezida Félix Tshisekedi mu ntego ze zo kuvugurura uru rwego no kurwanya imicungire mibi y’amabuye y’agaciro.
Ikiciro cya mbere cy’uwo mutwe usa n’uwa gisirikare kizaba kigizwe n’abantu hagati ya 2,500 na 3,000 biteganyijwe ko bazatangira gukora mu Ukuboza(12) 2026 nyuma yo gutozwa.
DR Congo ni igihugu gikize cyane ku mutungo kamere ariko cyaranzwe n’ibibazo bikomeye mu kuwubyaza inyungu igarukira abatuye iki gihugu.
Kugera mu 2028 biteganyijwe ko abantu 20,000 bakora muri uriya mutwe bazaba boherejwe gucunga ibirombe bigera kuri 22 ahatandukanye muri DR Congo.
Bimwe mu birombe by’iki gihugu – nka Rubaya, kimwe mu binini cyane ku isi bikurwamo ‘coltan’ - muri iki gihe biri mu gace kagenzurwa n’umutwe wa AFC M23. Urwo rwego rwa gisirikare rwashyizwemo miliyoni 100$ rwiswe ‘Mining Guard’ ruzasimbura abasirikare basanzwe barinda ibirombe, rwatewe inkunga na Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu.
Abarugize bazajya bagenzura ubucukuzi n’ubwikorezi bw’amabuye y’agaciro kugeza aho asohokera hanze y’igihugu.
DR Congo ibarirwa umutungo kamere wa mine w’agaciro ka tiriyari 25$ utarakorwaho, gusa abaturage benshi b’iki gihugu bakomeje kuba mu bukene bukabije n’intambara mu burasirazuba bwacyo.
Izindi nkuru wasoma:
'Umunsi utazokwibagirana': Sebastian Sawe inyuma yo kwandika amateka muri marathon i Londres

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunya-Kenya Sabastian Sawe yavuze ko intsinzi yiwe yo gukora amateka mu “Marathon” y’i Londres mu bwongereza ari “umunsi utazokwibagirana” inyuma yo kuba uwa mbere yirutse “marathon” mu gihe kiri munsi y’amasaha abiri mu buryo bwemewe.
Mu majambo yashikirije BBC amaze gushika ku murongo w’iherezo, Sawe yavuze ko yumvise afise inguvu mu rugendo rwose, kandi ko yanezerewe cane abonye umwanya yashitseko.
“Ndiyumva neza, ndanezerewe,” niko yavuze, afise ibirato vyiwe vyanditseko “WR” na “sub-2”.

Ahavuye isanamu, Reuters
Yashimangiye ko ukwitegura neza no kwizera vyagize uruhara runini, avuga ko kugaruka i Londres ubwa kabiri vyamuhaye inguvu zo gukora cane n’aho yari yahuye n’ingorane z’imvune mu minsi iheze.
Sawe kandi yashimiye abantu benshi bari ku nzira baje kumushigikira, avuga ko bamuhaye inguvu zo gushika kuri iyo ntsinzi.
“Iyo bataba bo, ntiwiyumva ko ukundwa gutyo,” yavuze, yongerako ko iyo ntsinzi atari iye wenyene, ahubwo ari iy’abantu bose bamushigikiye.
Ivyo yavuze vyerekana intsinzi yiwe bwite hamwe n’igihe gikomeye cane mu mateka y’inkino.
Izindi nkuru wosoma:
“Nta bwoba nari mfite” – Trump ku gitero muri hoteli yari arimo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Trump yari yicaranye n'umugore we Melania hamwe n'abandi bategetsi bakuru muri icyo gikorwa Perezida Donald Trump yavuze ko “nta bwoba” yari afite ubwo yakurwaga huti huti ahaberaga igikorwa cyo gusangira n’abanyamakuru bakorana n’ibiro bye mu gihe umugabo witwaje intwaro yagerageza kuhinjira arasa.
Ku cyumweru, Trump yabwiye CBS News ati: “Nta bwoba nari mfite. Numva ubuzima. Kandi tuba mu isi itangaje”.
Cole Tomas Allen, umwalimu w’imyaka 31 ni we watawe muri yombi akekwaho iki gitero, yitezwe imbere y’urukiko kuri uyu wa mbere.
Muri icyo gikorwa Trump yari kumwe n’abategetsi bakuru barimo Visi-perezida JD Vance, Minisitiri w’ubuzima Robert F Kennedy Jr, Minisitiri w’itangazamakuru Karoline Leavitt, n’umwe mu bamufasha bakuru Stephen Miller.
Trump yavuze ko mu guhungisha abo banyacyubahiro we “atoroheye” abakozi ba Secret Service irinda perezida kumuvana aho.
Yagize ati: “Nashakaga kureba ibirimo kuba…Muri ako kanya twatangiye kubona ko bishoboka ko ari ikibazo gikomeye”.
Trump yavuze ko mu gihe kimwe abashinzwe umutekano we bamusabye ngo “nyabuneka ryama hasi”.
Amashusho yerekana abamurinda bamusohora huti huti mu cyumba bari barimo.
Abakoze iperereza ry’ibanze bavuze ko uregwa yari agambiriye abategetsi bakuru barimo na Perezida Trump.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Minisitiri w’ubuzima Robert F Kennedy Jr arimo kurindwa n'abashinzwe umutekano 
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Trump arimo kurindwa na 'Secret Service' Ibitero vya Israel vyahitanye abantu 14 muri Liban mu gihe agahengwe k’intambara kagihari

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bashika kuri 14 biciwe mu bitero vya Israel mu burengero bwa Libani, nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu, abandi 37 barakomereka.
Mu bapfuye harimwo abagore n’abana, bikaba vyerekana ingaruka zikomeye ku basivile aho igitigiri c’abapfa kibandanya ciyongera.
Igisirikare ca Israel cavuze ko cagavye ibitero vy’indege n’amasasu ku bibanza bifitaniye isano na Hezbollah, kikaba kivuga ko ivyo bibanza vyakoreshwa mu gutegura ibitero ku basirikare baco.
Imbere y’ivyo bitero, ababa mu bisagara bimwe vyo mu bumanuko basabwe guhunga ningoga.
Israel kandi yatangaje ko umusirikare w’imyaka 19 yapfuye, abandi batandatu barakomereka inyuma y’igitero c’indege itajamwo umudererva ca Hezbollah. Mu gusubiza, yavuze ko drones zitatu zari zitezwe muri Israel zahagaritswe zitarashika ku mupaka.
Ivyo bitero bibaye n'aho habaye agahengwe kadasanzwe kuva hagati mu kwezi kwa kane. Mw'ijambo yashikirije mu nama ya reta, umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze ko Israel izobandanya gukora "n'inguvu" mu guhosha iterabwoba, yagiriza Hezbollah guhungabanya ayo masezerano.
Impande zose zibandanya kwagirizanya kutubahiriza ayo masezerano, bikongera ubwoba bw’uko intambara ishobora gusubira kwiyongera.
Izindi nkuru wosoma:
Abbas Araqchi wa Iran yageze mu Burusiya ‘gusaba ubufasha’ Putin

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Araqchi yakirwa na bamwe mu bategetsi aho byavuzwe ko ari i St. Petersburg mu Burusiya kuri uyu wa mbere Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Iran yageze i St. Petersburg mu Burusiya kuri uyu wa mbere aho biteganyijwe ko abonana na Perezida Vladimir Putin w’iki gihugu mu muhate wo gusaba ubufasha Uburusiya.
Abbas Araqchi yabanje kujya muri Pakistan na Oman – abahuza mu ntambara barimo na Amerika – mbere yo gukomereza mu Burusiya.
Ibiciro by’ibitoro byongeye kuzamuka kuri uyu wa mbere nyuma y’uko ibiganiro hagati ya Amerika na Iran binaniranye mu mpera z’icyumweru, bigatuma amato akomeza guhera mu Kigobe cy’Abarabu.
Ku cyumweru Perezida Donald Trump yabwiye Fox News ko icyifuzo cyabo “cyoroshye”; “Ntibashobora kugira intwaro kirimbuzi, bitabaye ibyo nta mamvu yo guhura”.
Yongeyeho ati: “Niba bashaka kuganira, baza bakatureba, cyangwa bakaduhagamara. Urabizi ko hari telephone. Dufite imirongo myiza yizewe”.
Igihe cyose Iran yakomeje gushimangira ko ifite uburenganzira bwo gutunganya Uranium yayo itagamije intwaro kirimbuzi ahubwo ibikorwa by’iterambere. Ibyo ibihugu by’iburengerazuba bitemera.
Uretse icyo, Amerika na Iran ubu ntibinumvikana ku ikoreshwa ry’umuhora wa Hormuz.
Kazem Jalali, uhagarariye Iran mu Burusiya yatangaje ku rubuga X ko Araqchi aza guhura na Putin ku bw’inyungu za Iran “muri iki gihe yatewe n’abo hanze”.
Umwalimu wakoze igitero kuri hoteli yarimo Trump n’abanyamakuru yatangajwe umwirondoro

Ahavuye isanamu, @REALDONALD TRUMP / TRUTHSOCIAL
Umugabo watawe muri yombi nyuma yo kurasa muri hotel aho abanyamakuru bakorana n’ibiro bya perezida wa Amerika bari bateraniye basangira na Donald Trump ku wa gatandatu nijoro yatangajwe ko ari umwalimu witwa Cole Tomas Allen.
Uyu mugabo w'imyaka 31 yigisha mu ishuri ryisumbuye, aba gace ka Torrance mu mujyi wa Los Angeles muri leta ya California, nk'uko abategetsi babivuze.
Umushinjacyaha mukuru Todd Blanche yabwiye ikinyamakuru NBC News gikorana na BBC muri Amerika ko Allen yabwiye abakoze iperereza ry’ibanze ko yashakaga kurasa abategetsi bari bari muri kiriya gikorwa, “byashoboka” na Perezida Trump.
Blanche yavuze ko uyu ukekwa bakeka ko yavuye i Los Angeles na gariyamoshi ikamugeza i Chicago, maze akavayo agana i Washington DC gusoza umugambi we.
Yari acumbitse muri Washington Hilton hotel yaberaga kiriya gikorwa cya Trump n’abanyamakuru, ko yakoze igitero cye afite “imbunda ntoya, imbunda yo mu ntoki, n’ibyuma byinshi”.
Igipolisi cyavuze ko “kugeza ubu bisa n’aho yakoraga wenyine”.
Mu 2025, Allen yarangije amasomo ya ‘masters’ mu ishami rya ‘computer science’ muri California State University, imwe muri kaminuza zikomeye muri Amerika.
Mu Ukuboza(12) 2024, Allen yatowe nk’umwalimu w'ukwezi warushije abandi ku kigo cy’ishuri ryisumbuye yigishaho, nk’uko cyabigaragaje ku rubuga rwa Facebook.
Biteganyijwe ko kuri uyu wa mbere agezwa imbere y’urukiko rw’i Washington DC aregwa ibyaha birimo kurashisha imbunda agamije kwica.

Ahavuye isanamu, Linkedin
Insiguro y'isanamu, Umwaka ushize yarangije 'Masters' muri imwe muri kaminuza zikomeye muri Amerika Izindi nkuru wasoma:
Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Mali yiciwe mu bitero biheruka

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Camara (ibubamfu), ari kumwe n'abashikiranganji b'imigenderanire b'Uburusiya na Mali, bivugwa ko yapfiriye mu gitero c'umwiyahuzi caturikiye mu hira Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Mali, Sadio Camara, yapfuye inyuma y'igisasu c'umwiyahuzi caturikiye ku nzu yiwe hafi y’umugwa mukuru Bamako, mu bitero vyinshi vyabaye mu gihugu cose ku wa gatandatu.
Televiziyo y'igihugu yavuze ko Camara yakomeretse igihe yariko ararwanya abamuteye, hanyuma aza gupfira mu bitaro. Ico gitero, bivugwa ko cakozwe n'abarwanyi bafitaniye isano n’umurwi w’intagondwa Jama'at Nusrat al-Islam wal-Muslimin, Kandi ico gitero cahitanye na bamwe mu bagize umuryango wiwe,gihitana ibintu vyinshi, harimwo n'umusigiti uri hafi yaho yaba.
Ivyo bitero bibaye mu gihe Mali ihanganye n'ubwicanyi bubandanya bwiyongera hagati y'imigwi y'aba “jihadistes” hamwe n’abarwanyi bipfuza ukwikukira. Indwano imaze kuvugwa mu turere twinshi, harimwo Kati, Gao na Kidal. Hagati aho, umuhari witwa Azawad Liberation Front uvuga ko wigaruriye ibice vyo mu buraruko, n'aho igisirikare kitaravyemeza.
Umutekano wongerejwe mu gihugu cose, abategetsi bavuga ko bazokwishura bimwe bikomeye. Umukuru w’igihugu w’imfatakibanza Assimi Goïta na we yaciye ajanwa ahantu hatekanye inyuma y’uko aba barwanyi bagerageje gutera inzu yiwe.
Ku rwego mpuzamakungu, António Guterres hamwe na CEDEAO biyamirije ubwo bugizi bwa nabi.
Izindi nkuru wosoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
