Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Guhera ubu igitero cose ca Israel kuri Liban ni ihonyangwa ry’amasezerano ya Iran na Amerika – Umushikiranganji wa Iran

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baranegura iryo tegeko babona nk’intambwe yerekeza ku guhindura ibwirizwa nshingiro, ibishobora gutuma Perezida Tshisekedi aguma ku butegetsi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Aha niho turangirije aya makuru y'ikibiriraho y'uyu munsi, mwakoze kubana natwe, ni ah'ejo.

  2. Urucanco rwa Ebola Bundibugyo rushobora gutangura kugeragezwa mu kwezi kw’indwi

    Incanco za mbere zakozwe na Kaminuza ya Oxford hamwe na Moderna (MRNA) zo kurwanya Ebola Bundibugyo, umugera wica umaze gukwiragira mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, zishobora gutangura kugeragezwa ubwa mbere mu kwezi kw’indwi, kandi n’igeragezwa rikorerwa ku bantu rishobora gukurikira mu mezi makeyi ari imbere, nk’uko vyavuzwe n'umukuru w'ishirahamwe Coalition for Epidemic Preparedness Innovations, Richard Hatchett, kuri uyu wa Kabiri.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Hezbollah ivuga ko Iran yayemereye ko izosaba ko abasirikare ba Israel bava muri Liban

    Hezbollah yatangaje ko yaronse ivyizigiro bivuye muri Iran vy’uko mu gice gikurikira c’ibiganiro bizoba hagati ya Iran na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Iran izosaba ko igisirikare ca Israel gikurwa ku butaka bwa Libani. Ivyo vyatangajwe n’ibiro vyo kumenyesha amakuru vya Hezbollah, nk’uko vyashikirijwe n’itororkanirizo ry’amakuru Reuters.

    Kubera ivyo, Umunyamabanga mukuru wa Hezbollah, Naim Qassem, yashikirije ugukenguruka kwiwe kwinshi umukuru w’inama nshingamateka ya Iran, Mohammad Bagher Ghalibaf.

    Mu butumwa bwashizwe ku rubuga rwa Telegram rw’iradiyo na televiziyo Al-Manar, ifitaniye isano na Hezbollah, Qassem yashimiye Ghalibaf ku kuntu yafashe ingingo “ikomeye kandi ishigikira Liban”.

    Yavuze kandi ko yashigikiye ko Israel ihagarika ibikorwa vya gisirikare, kandi ko gukurwa kw’ingabo za Israe muri Liban bikwiye kuba kimwe mu ngingo z’ishimikiro z’amasezerano ariko araganirwako hagati ya Iran na Amerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Trump ati: 'Israel ikwiye kwitwararika cane ibijanye na Liban'

    Ku bijanye na Liban, Donald Trump yavuze ko Israel imaze igihe kinini irwana n’umuhari wa Hezbollah kandi ko abantu benshi cane bamaze kuhasiga ubuzima.

    Abajijwe nimba ababajwe canke atanezerejwe n’ingene umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, ariko yitwara, Trump yavuze ko bafitaniye imigenderanire myiza cane, ariko yongerako ati:

    "Ategerezwa kwitwararika no kugira ubwitonzi bwinshi ku bijanye na Liban."

    Trump yongeyeko ati:

    "Sinashimye igitero yakoze... vyari birenze urugero."

    Igitero c’indege za Israel zagize i Beirut mu mpera z’indwi iheze caratumye ibiganiro vyari bigamije guhagarika intambara bija mu kaga. Ico gihe, Trump yari yavuze ati:

    "Ntiduhave tubihagarika."

    Trump yarongeye avuga ati:

    "Iyo Amerika itaba iriho, Israeli ntiyari kubaho uko iri uno musi... kuko nta wundi mukuru w’igihugu yigeze yemera gukora ivyo nakoze ku bwa Israel."

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Urubanza rw’uwahoze ari Perezida wa Repubulika ya Centrafrika rwatanguye ku vyaha bikorewe zina muntu

    Sentare Mpuzamakungu Idasanzwe ifashwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ikorera i Bangui, yatanguje ku mugaragaro urubanza rw’uwahoze ari Perezida wa Repubulika ya Centrafrika, François Bozizé, ariko atahari. Yagirizwa ivyaha bikorewe zina muntu vyakozwe hagati ya 2009 na 2013 n’inzego z’umutekano zari zirongowe na reta yiwe, harimwo kwica abantu, kunyuruza abantu ku nguvu, kuboreza igufa no gufata ku nguvu abagore.

    Batatu mu bari bakuru mu gisirikare ciwe, ari bo Eugene Barret Ngaikosset, Vianney Semndiro na Firmin Junior Danboy, bo bari mw’ibohero muri Repubulika ya Centrafrika mu gihe bagitegereje kuburanishwa.

    Mu gushikiriza iciyumviro ciwe ku ntango y’uru rubanza, Marceau Sivieude, umuyobozi wa Amnesty International mu karere ka Afrika y’Uburengero n’iyo Hagati, yavuze ati:

    “Kuba François Bozizé ariko araburanishwa ku vyaha vy’intambara n’ivyaha bikorewe zina muntu, birimwo kuboreza igufa, kwica abantu, gupfunga abantu mu buryo butubahirije amategeko no kunyuruza abantu ku nguvu, vyerekana ko Sentare Idasanzwe ifise ubushake bukomeye bwo kurwanya ukudahana no kuronderera ubutungane abakorewe amahano, hamwe no kubafasha kuronka indishi z’akababaro. Ariko kuba Bozizé ariko araburanishwa atahari biragabanya agaciro k’uru rubanza. Ni ngombwa ko afatwa, akagarukanwa mu gihugu maze akitaba sentare ubwiwe.”

    François Bozizé, umukristu w'imyaka 79, yafashe ubutegetsi mu mwaka wa 2003 biciye mu gutembagaza ubwari buhasanzwe. Mu nyuma yaratsinze amatora kabiri, ariko benshi bavuga ko yaranzwe n’ubusuma bwinshi.

    Inyuma y’imyaka cumi ari ku butegetsi, yakuweho na Seleka, urunani rw'imigwi yitwaje ibigwanisho yari igizwe ahanini n'abo mw'idini rya Islam basanzwe ari inkehwa mu gihugu. Urwo runani rwamwagiriza kutubahiriza amasezerano y’amahoro.

    Kuva muri Ntwarante (Werurwe) 2023, Bozizé aba mu buhungiro mu gihugu ca Guinea-Bissau.

  6. Igikombe c’Isi: Umunyegori wa Cap-Vert yaronse amamiriyoni y’abamukurikira ku mbuga mw’ijoro rimwe

    Umunyegori wa Cap-Vert, Josimar José Évora Dias, batazira ‘Vozinha’ yungutse mw’ijoro rimwe gusa abamukurikira ku rubuga rwa Instagram baharurwa mu mamiriyoni, inyuma y’aho avyifashemwo neza mu gukuramwo imipira indwi (7) ikomeye yafashije igihugu ciwe kudatsindwa na Espagne.

    Vozinha yahora akurikirwa n’abantu 45.000 kuri ‘page’ yiwe ya instragram. Ariko mu kiringo kidashika umusi umwe wuzuye, ageze ku bamukurikira kuri urwo rubuga barenga imiriyoni zitandatu (6.000.000).

    Urukino rwaraye ruhuje Cap-Vert na Espagne mu gikombe c’isi rwarangiye ari ubusa ku bundi (0-0).

    Abakunzi ba Cap-Vert babona ko Josimar José Évora yakoze igikorwa kidasanzwe mu kunaniza umurwi wa Espagne. Ico gihugu ni co catahukanye igikombe mw’ihiganwa ry’imirwi nserukirabihugu ku rwego rw’umugabane wa Buraya (The Euros), ryo mu 2024.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Guhera ubu igitero cose ca Israel kuri Liban ni ihonyangwa ry’amasezerano ya Iran na Amerika – Umushikiranganji wa Iran

    Umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran, Abbas Araghchi, yagabishije ko igitero cose gishasha Israel yogaba muri Liban canke ukugumiza ingabo zayo muri ico gihugu vyoba ari ukurenga ku masezerano aherutse gushikwako hagati ya Amerika na Iran, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse.

    Abbas Araghchi yavuze ko ku bwa Tehran, amasezerano yashitsweko yega, ku ruhande rumwe, Iran na Hezbollah, ku rundi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel.

    Ibi abivuze mu gihe Israel yagavye ibitero bishasha mu bumanuko bwa Liban, umuhari Hezbollah na wo ukaba watangaje ko wagavye igitero co kwihora ku ngabo za Israel.

    Hagati aho, umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yashimangiye ko ingabo z’igihugu ciwe zizoguma mu bice yise "uturere tw'umutekano" two mu bumanuko bwa Liban.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. RDC – Ebola: Ubumwe bwa Afrika bwatumyeko inama yihutirwa i Bujumbura

    Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika (AU) kuri uwu wa kabiri ryatumyeko inama yihutirwa i Bujumbura, iyobowe na Perezida w'Uburundi Évariste Ndayishimiye, kugira bahuze ibikorwa - ku rwego rw’umugabane - vyo guhangana n'ikiza ca Ebola kiriko kiriyongera muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) no muri Uganda.

    Muri iyo nama iriko iba ku buhinga bwa none buzwi nka 'visioconférence', umukuru w’akanama k'Ubumwe bwa Afrika, Mahmoud Ali Youssouf, hamwe n'ikigo ca Afrika kijejwe gukinga no kurwanya indwara (Africa CDC), bariko barasigurira abakuru b'ibihugu uko indwara iriko irakwiragira n'ingaruka ishobora kugira mu karere.

    Iyo nama bitegekanijwe ko yibanda ku gukomeza ibikorwa vyo gukurikirana iyo ndwara, kwitegurira kuyirwanya no gutsimbataza ugukorera hamwe hagati y'ibihugu bigize Ubumwe bwa Afrika.

    Abajejwe amagara y'abantu muri RDC bavuga ko ico kiza kimaze gushika mu turere tw'amagara 31 two muri Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

    Icegeranyo co gushika ku wa 14 Ruheshi (6), cerekana ko abantu 808 bamaze kwandura Ebola, hakaba hiyongereyeko abantu 26 mu masaha 24 aheze. Abamaze gupfa ni 192, mu gihe abamaze gukira ari 48, harimwo batatu bamenyekanye ko bakize ku wa mbere.

    Ubu, abantu 363 baracari mu bibanza bataramuriwemwo canke bariko baravurwa. Igitigiri c'abahitanwa n'iyo ndwara kiri ku rugero rwa 23,8%.

    Intara ya Ituri ni yo yiziziwe cane n’ico kiza, kubera ibice birenga 91 kw'ijana (91 %) vy'abamaze kwandura bose ari ho vyatowe, ni ukuvuga abantu 738.

    Umutekano muke hamwe n'uguhunga kw'abanyagihugu biri mu bihungabanya ibikorwa vyo kurwanya iyo ndwara.

    Abategetsi bavuga ko ibikorwa vyo gukurikirana abantu bahuye canke bakoranyeko n'abarwaye bigeze ku rugero rwa 63,1%. Ni ukuvuga ko bikiri ku rugero rwo hasi cane umuntu agereranije n’ihangiro rya 95% rikeneye gushikwako kugira indwara igenzurwe.

    Imigwi ijejwe kurwanya Ebola irabandanya kwitaho abarwayi, gufata ingingo zo gukinga, no gutanga amakuru mu burere ico kiza kimaze gushikamwo.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Suède yemeje itegeko ry''imyitwarire myiza' rigamije kwirukana abimukira bitwara nabi

    Inteko ishingamategeko ya Suède ku wa mbere yemeje itegeko ryemerera abategetsi kwambura abimukira uruhushya rwo gutura muri icyo gihugu hashingiwe kumyitwarire mibi, nko kuba umuntu arimo imyenda (amadeni) atarishyura, gukora akazi utarakamenyekanishije cyangwa kugirana isano n’imitwe y’abahezanguni, nkuko bitangazwa n’ibiro ntaramakuru Reuters.

    Iryo tegeko, rireba impushya zigitegereje kwemezwa ndetse n’izamaze gutangwa, riri muri gahunda ngari yo gukaza amategeko ajyanye n’abimukira, bikozwe n’ubutegetsi buriho ubu bukomeye ku bya kera hamwe n’ishyaka ribushyigikiye ry’abademokarate rikomeye ku nyungu z’igihugu, mbere yuko haba amatora y’abadepite muri Nzeri (9) uyu mwaka.

    Iryo tegeko ryanenzwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu, bavuga ko nta cyo rishingiraho kuko ibyemezo bizajya bifatwa ku myitwarire idafatwa nk’ibyaha.

    Mu itangazo wasohoye, umuryango mpuzamahanga uharanira uburenganzira bwa muntu witwa Civil Rights Defenders, ufite icyicaro mu murwa mukuru Stockholm, wagize uti: “Itegeko ry’imyitwarire myiza rishyira abantu mu rujijo ku bikorwa cyangwa amagambo bishobora kubagiraho ingaruka.”

    “Ribangamiye ubutegetsi bugendera ku mategeko n’ihame ry’uko abantu bareshya imbere y’amategeko.”

    Ubutegetsi buriho muri Suède, bwatsinze amatora mu 2022 ku iturufu yo gusezeranya kugabanya abimukira no guhashya ibyaha, bwavuze ko abantu bitwara nabi cyangwa bakora ibyaha badahawe ikaze mu gihugu.

    Iryo tegeko ntirisobanura amoko y’imyitwarire ifatwa ko itakwihanganirwa ariko leta yakomoje ku kutishyura imyenda (amadeni), kutariha imisoro, gukora ibyaha no kugirana isano n’imitwe y’ubuhezanguni.

    Ikigo cya Suède gishinzwe abimukira ni cyo gifite inshingano yo gusuzuma impushya ndetse ibyemezo bishobora kujuririrwa mu rukiko rushinzwe abimukira.

    Ubwo yatangaga umushinga w’iryo tegeko muri Werurwe (3) uyu mwaka, Minisitiri wa Suède ushinzwe abimukira Johan Forssell, yagize ati: “Umuntu uwo ari we wese utagira umuhate wo gukora ikintu gikwiye ntakwiye gushobora kwiringira kuguma mu gihugu.”

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Ituri: Général-major Gaby Kasongo yatanguye amabanga yiwe nka Buramatari

    Général-major Gaby Kasongo yatanguye icese amabanga yiwe yo kurongora intara ya Ituri, iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).

    Uwo mutegetsi mushasha wa gisirikare yiyemeje gushigikira imbonakazoza ya Perezida Félix Tshisekedi ijanye no gutsimbataza amahoro n’ubumwe bw’abanyagihugu.

    Mw’ijambo yashikirije, Général-major Gaby Kasongo yashimiye Perezida Tshisekedi amudondora nk’umurinzi w’ubwigenge n’ubutavogerwa bw’igihugu. Yamukeje kandi ku twigoro two kugarukana amahoro muri RDC yose.

    Yashimangiye ko amabwirizwa ya Perezida ajanye no kurekuriranira hamwe no gutsimbataza ubumwe hagati y’abanyagihugu n’amoko atandukanye ari yo azoba inkingi y’ubutegetsi bwiwe muri Ituri.

    Kasongo asubiriye Lieutenant Général Johnny Luboya N’Kashama, yari yatanguye amabanga yo kurongora iyo ntara ku wa 10 Rusama (5) 2021, inyuma y’itangazwa ry’ibihe bidasanzwe vy’umutekano muri Ituri no muri Kivu ya Ruguru.

    Iyo ngingo yari yafashwe biciye mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo ku wa 3 Rusama (5) 2021, ryakura ububasha ku bategetsi b’abasivire rikabwimurira ku basirikare kubera umutekano muke wagenda wiyongera.

    Ibisikanya muri aya mabanga ribaye mu gihe gikomeye cane, kubera intara ya Ituri igeramiwe n’ikiza c’ubwoko bushasha bwa Ebola buzwi nka Bundibugyo.

    Iyo ntara yonyene imaze gutorwamwo abemejwe ko banduye 738 ku bantu 808 bamaze kwemezwa mu gihugu cose, ivyo bigasobanura ko ibice birenga 91 kw’ijana (91%) vy’abanduye vyatowe muri Ituri.

    Uwo mugera warakwiragiye kandi no mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo. Kuva ico kiza gitangajwe ku wa 15 Rusama (5), abarwayi 48 baramaze kuvurwa biciye mw’isekeza ry’imisi 32 ryo kukirwanya ryatangujwe na reta.

    Hambavu y’ingorane y’amagara y’abantu, intara ya Ituri ibandanya kandi guhangana n’ibikorwa vy’imirwi yitwaje ibirwanisho, vyatumye abantu barenga umuriyoni - ku banyagihugu bababa imiriyoni umunani bayibamwo - bava mu zabo mu myaka irenga 20 iheze.

    Buramatari mushasha w’iyo ntara agiye guhangana n’ingorane zibiri zikomeye: kugarukana umutekano no gutunganya ibikorwa vyo kurwanya ico kiza gihangayikishije isi yose.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. RDC: Inama nkenguzamateka yemeje integuro ya kamarampaka

    Inama nkenguzamateka (sena) ya Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yemeje ijana kw’ijana integuro y’itegeko itegekanya ibikenewe kugira hatunganywe kamarampaka.

    Iyo nteguro yemejwe ku wa mbere n’abakenguzamateka bari bitavye iryo tora ukwo ari 89.

    Iyo nteguro yari isanzwe yaremejwe n’inama nshingamateka kw’itariki ya 9 Ruheshi (6), ubu hakaba harindiriwe ko Perezida Félix Tshisekedi ayishirako umukono kugira ibe itegeko.

    Umukuru w’igihugu afise iminsi 15 yo kuyisinya, kuyisubiza inyuma canke kuyiyamiriza mu buryo bw’amategeko. Hamwe ata ngingo yoba yafashe muri ico gihe, iyo nteguro izoca iba itegeko nyezina rica ritangura gukurikizwa ubwo nyene.

    Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baranegura iryo tegeko babona nk’intambwe yerekeza ku guhindura ibwirizwa nshingiro, ibishobora gutuma Perezida Tshisekedi aguma ku butegetsi inyuma y’ikiringo ciwe ca kabiri, gisanzwe kandi ari co ca nyuma, gitegekanijwe kurangira mu mwaka wa 2028.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu kwezi guheze, Perezida Tshisekedi yavuze ko yiteguriye kuguma ku butegetsi inyuma ya 2028, hamwe abanyagihugu ba RDC bokwerekana ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.

    Harabaye uruhagarara mu mabarabara ku wa gatanu w'indwi iheze, igihe ihuriro ry'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ryarenga ku ngingo yabuza imyiyerekano, rikihereza amabarabara i Kinshasa.

    Haradutse imishamirano impande y'ingoro y'Inama nshingamateka (‘Palais du Peuple’) inyuma y'aho abajejwe umutekano batangiriye abari mu myiyerekano babankira kugandagaza kuri iyo nyubakwa.

    Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Martin Fayulu, yabaye uwa gatatu mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2023, amakuru avuga ko yakomerekeye muri izo ntureka. Amafoto yahanahanywe amwerekana ishati yiwe iriko amaraso.

    Abategetsi bari batanze ikindi kibanza cogirirwamwo imyiyerekano, aho basobanura ko vyari ngombwa gukingira Inama nshingamateka no kwirinda ko haba ihungabana ry’ibibazo vyariko birakorwa mu mashure ku rwego rw’igihugu.

    Abategetsi baburiye ko imyiyerekano yose itarekuwe n'amategeko izohanwa bikomeye, mu gihe uruhagarara rwa politike rushingiye ku nteguro y’itegeko rya kamarampaka ruriko rurushiriza gukomera.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Abantu umunani bapfiriye mu mpanuka y'indege y'intambara y'Amerika ya B-52 i California

    Abantu umunani, barimo abakozi babiri ba kompanyi y’indege Boeing, bapfuye nyuma yuko indege y’intambara y’ingabo z’Amerika yo mu bwoko bwa B-52, ikoze impanuka ako kanya igihaguruka ku kibuga cy’indege cya gisirikare cya Edwards Air Force Base mu majyepfo ya leta ya California.

    Ibyo byabaye ku wa mbere saa tanu n’iminota 20 z’amanywa (11:20) ku isaha yaho, ni ukuvuga saa tatu z’ijoro n’iminota 20 (21:20) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi, ubwo iyo ndege yari iri mu gikorwa isanzwe ikora cy’igerageza.

    Iyo mpanuka yatumye umwotsi mwinshi cyane uzamuka mu kirere, ukaba washoboraga kubonwa n’abantu bari mu birometero byinshi uvuye aho byabereye.

    Koloneli (Col) James Hayes yagize ati: “Uyu munsi, ikibuga cy’indege cya gisirikare cya Edwards Air Force Base cyabayemo ibyago bikomeye cyane, ndetse twapfushije Abanyamerika umunani bakomeye cyane.” Yabasobanuye nk'"imvange y’abakora mu ndege b’abasirikare, abasivile bo muri leta hamwe n’abakora ibiraka bo muri leta".

    Mbere, icyo kibuga cy’indege cya gisirikare cyari cyavuze ko ibimenyetso by’ibanze byagaragazaga ko iyo mpanuka itari iyo kurokokwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Amasezerano yo kurangiza intambara na Iran yaramaze gusinywa kandi ido n’ido ryayo rizoshirwa ahabona ‘vuba cane’ – Trump

    Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano y’ibanze yo kurangiza intambara na Iran yamaze gushirwako umukono, aho yatomoye ko ido n’ido ryayo rizoshirwa ahabona “vuba cane”.

    Mu kiganiro yagiranye na Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron ku wa mbere, mu nama ya G7, Trump yagize ati: “Ndanezerewe no kuvuga ko yashizweko umukono, amasezerano yarasinywe.”

    Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru ba Amerika na bo nyene baratanguye gutanga amakuru amwe amwe yerekeye ibiri muri ayo masezerano. Bavuga ko umuhora wa Hormuz uzokwugururwa ku wa gatanu, ari na wo musi ayo masezerano azoshirwako umukono icese i Genève mu Busuwisi.

    Bavuga kandi ko muri iyi ndwi hitezwe gutangura ibiganiro vy’ubuhinga (tekinike) ku bijanye n’umugambi wa nikleyere wa Iran, mu gihe itezurwa ry’ibihano ku matunga yafashwe canke kuyarekura, rizovana n’uko Iran izoshitsa ivyo yiyemeje muri ayo masezerano.

    Ku wa mbere, icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika, JD Vance, yabwiye umumenyeshamakuru Jake Tapper wa CNN ko ayo masezerano y’ibanze hagati ya Iran na Amerika ari “hafi ku rupapuro n’igice”, kandi ko ari urwandiko ruvuga ibintu "muri rusangi cane".

    Vance yongeyeko ko vyinshi bizoganirwako mw’ido n’ido mu biganiro bizoba mu gihe kiri imbere.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.