IKIBIRIRAHO, Trump avuga ko hari ibiganiro biriko biraba ku ntambara ya Iran muri iki gihe c’agahengwe, ariko Irani irabihakana
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, ariko Irani yo ihakana ko ata biganiro vy’imbonankubone biriko biraba
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwer za Amerika avuga ko afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, ariko Irani yo ihakana ko ata biganiro vy'imbonankubone biriko biraba.
Nibura abasirikare 624 ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baramaze gukomereka kuva Perezida Donald Trump atanguje ibitero kuri Iran muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk'uko biri mu cegeranyo ca vuba c'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon).
Abategetsi b'Uburusiya na Ukraine batangaza ko mw'ijoro ryakeye baraye bararekuriranirako amadrone mu bitero vy'ubudasiba, Perezida Volodymyr Zelensky na we akaba yashitse muri Amerika kubonana na Trump.
Irani yagiriza Ukraine ko yarashe ubwato bwayo bw'ibidandazwa, Ukraine nayo ikavuga ko bwari butwaye ibikoreshwa mu guhingura amadrone n'ibisasu vya misire vyari bigiye mu Burusiya.
Ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS) rivuga ko isi ishobora kwinjira mu kaga k'ubwandu bw'uno mugera inyuma y'uko amafaranga akoreshwa mu kurwanya ikwirakwira ryawo kw'isi yose agabanutseko hafi ica gatanu mu mwaka uheze.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Zelensky yitezwe kubaza cane Trump ku bwirinzi bwo mu kirere mu rugendo arimwo i Washington
Ahavuye isanamu, ZelenskyyUa/X
Insiguro y'isanamu, Imbere y'ibiganiro muri White House, Volodymyr Zelensky yavuze ko hategerezwa kuba utwigoro kugira amahoro aboneke vuba
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ategekanya kugirana ibiganiro
bihambaye na Perezida wa Amerika Donald Trump, kuri White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa
Amerika), aho yizeye ko Amerika ija kwiyemeza kurushiriza gufasha igihugu ciwe mu
bijanye no kwikingira ibitero vya misire zo mu bwoko bwa ‘balistique’.
Zelensky yashitse muri Amerika mu gihe intambara y'Uburusiya muri
Ukraine igeze ku rugero rukomeye. Mw’ijoro ryakeye, umukuru w'igisagara ca
Moscou yavuze ko uwo murwa mukuru w'Uburusiya wagabweko ibitero hakoreshejwe
ama ‘drones’ 390 mu kiringo c’amasaha makeya gusa.
Bitegekanijwe ko Zelensky asaba Trump gushira mu ngiro umuhango yahaye
Ukraine mu ntango z'uku kwezi, wo kuyiha
uruhusha rwo gukora misire zikoreshwa mu kwikingira ibitero vyo mu kirere zo mu
bwoko bwa ‘Patriot’.
Mu minsi iheze, Uburusiya bwarongereje ibitero vyagiye bihitana abantu,
bukoresheje misire zo mu bwoko bwa ‘balistique’. Ivyo bitero vyatumberejwe
ahanini ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv. Zelensky yavuze ko misire zo kwikingira
ibitero zikenewe cane.
Hari haciye igihe kirekire misire zo mu bwoko bwa 'Patriot' ziri ku
rutonde rw'ibikoresho Zelensky yama asaba kuronswa. Ariko kubera intambara zo
muri Ukraine no mu Buseruko bwo Hagati, izo misire z'Amerika zifasha mu gukingira
ikirere zabaye nke cane.
Amerika yivumbuye isohoka mu nama y'akanama k'umutekano ka ONU ubwo Ubufaransa bwavugaga ijambo
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ambasaderi w’Ubufaransa muri ONU Jérôme Bonnafont yavugiye ijambo mu kanama k’umutekano ka ONU ku wa mbere i New York, mu nama yihutirwa yiga ku ntambara ya Ukraine n’Uburusiya
Intumwa z’Amerika zasohotse
mu nama y’akanama k’umutekano ka ONU yabaye ku wa mbere, mu kwamagana amagambo
yavuzwe n’Ubufaransa bugereranya itora ry’Amerika ku burenganzira bwa muntu n’itora
ry’ibihugu bitegetswe n’igitugu.
Ubwo bushyamirane bwo
muri dipolomasi bwatangiye mu cyumweru gishize, ubwo Amerika yifatanyaga na
Koreya ya Ruguru n’Uburusiya mu gutora byanga manda ya Volker Turk nka komiseri
mukuru wa ONU ushinzwe uburenganzira bwa muntu.
Nyuma y’iryo tora ryo
ku wa gatanu, ibiro by’uhagarariye Ubufaransa muri ONU byanenze Amerika ndetse
biyigereranya na Koreya ya Ruguru n’Uburusiya.
Ibyo biro byatangaje ubutumwa ku rubuga
nkoranyambaga rwa X biti: “Amerika yahoze ari igicumbi cy’uburenganzira bwa
muntu. Si ko bikimeze.”
Mu gusubiza,
ambasaderi w’Amerika muri ONU Mike Waltz yashinje Ubufaransa gutora umukuru w’uburenganzira
bwa muntu umaze igihe “acyaha” ibihugu bigendera kuri demokarasi mu gihe “ameranye
neza n’abakandamizi ba mbere babi cyane ku isi”, ariko ntiyasobanuye icyo
yashakaga kuvuga.
Turk yanenze intambara
y’Uburusiya muri Ukraine ndetse n’imyitwarire y’ingabo za Israel muri Gaza.
Uko gusohoka mu nama
kw’itsinda ry’Amerika kwabaye mu gihe ambasaderi w’Ubufaransa muri ONU Jérôme Bonnafont yari arimo kuvuga ijambo mu nama yihutirwa y’akanama
k’umutekano ka ONU yigaga ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine.
Ambasaderi w’Amerika Dan Negrea, umwe mu bahagarariye Amerika muri
ONU, yavuze ko intumwa z’Amerika zizakomeza kwigaragambya muri ubwo buryo
kugeza igihe Ubufaransa “buretse imvugo yabwo y’ubwishongozi n’agasuzuguro”.
Uko guhangana gushingiye
kuri manda ya kabiri ya Turk – yemejwe ishyigikiwe n’ibihugu 144, naho 10 byarayanze
mu gihe 13 byahisemo kwifata – kugaragaza ubushyamirane hagati ya Washington na
ONU.
Ubutegetsi bwa Trump bwagabanyije inkunga bugenera amashami ya ONU
ndetse bwikura mu bigo bibarirwa muri za mirongo bya ONU.
Umugera wa SIDA ushobora gusubira kurandagata, ni UNAIDS igabisha
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishami rya
ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS) rivuga ko isi ishobora kwinjira mu
kaga k’ubwandu bw’uno mugera inyuma y'uko amafaranga akoreshwa mu kurwanya
ikwirakwira ryawo kw'isi yose agabanutseko hafi ica gatanu mu mwaka uheze.
Mu
cegeranyo casohowe ejo ku wa mbere ku musi wo kwugurura inama mpuzamakungu
yerekeye SIDA muri muri Brezili, UNAIDS yavuze ko ayo mahera yagabanutse
gushika ku miriyaridi zirenga indwi z’amadolari y’Abanyamerika, akaba ari yo
mafaranga ari hasi cane agenewe uwo mugambi mu myaka hafi 20 iheze.
Imbere
y'uko Donald Trump agaruka ku butegetsi muri Nzero (1) 2025, Reta Zunze Ubumwe
za Amerika zatanga ibice 75% vy'amafaranga atangwa n'ibihugu afasha mu migambi
yo kurwanya umugera wa SIDA. Muri uko kwezi nyene, Trump yategetse ko
imfashanyo zose zijanye n’umugera wa SIDA zihagarikwa vy'igihe gito, imbere y’uko
ibikorwa bihambaye vyo kurokora ubuzima bisubira gutangura haciye iminsi mike,
naho imigambi myinshi yo kuzibira ikwirakwira ryawo yagabanutse cane.
Muri ico
cegeranyo c’impapuro 60, UNAIDS igira iti: "Amakungu yinjiye mu bihe
birangwamwo ihungabana rikomeye rya politike n'ubutunzi, ibi bishira mu kaga
intambwe itoroshe yari imaze gushikwako mu myaka itari mike mu kurwanya uno
mugera.
Kigira
kiti: “Hatabaye inshingano nshasha, isi ishobora gusubira mu kaga ko kubona uno
mugera usubira kurandaranda”.
UNAIDS
ivuga ko igabanuka ry’aya mafaranga rishobora gusubiza inyuma intambwe zari
zatumye abandura umugera wa SIDA hamwe n'abahitanwa nayo bagabanuka gushika ku
rugero rutigeze ruboneka mu myaka irenga 30.
Abantu bababa
imiriyoni 1,2 baranduye uno mugera mu mwaka uheze, ibitigiri vy’abantu bashasha
banduye bikaba vyongerekanye mu turere dutatu no mu gihugu 21, nk’uko bivugwa
na UNAIDS. Iri shami rya ONU rivuga kandi ko abantu bababa imiriyoni icenda mu
miriyoni 41 z’abagendana uno mugera batigeze baronswa imiti, kandi ko abashika
ku 570.000 bapfuye bahitanywe n’indwara zifitaniye isano na SIDA mu 2025.
UNAIDS
ibona ko intumbero isi yihaye yo kurangiza SIDA bitarenze umwaka wa 2030 ikiri
kure, ikavuga ko igabanuka ry'imfashanyo, hamwe n'ibindi vyaduka nka Ebola, bibangamiye
utwigoro two kurwanya uwo mugera.
Irani iragabisha Ukraine, iyagiriza ko yarashe ubwato bwayo, harakurikira iki?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Irani yagiriza Ukraine ko yarashe ubwato bwayo bw’ibidandazwa
bwariko buca mu Kiyaga ca Caspienne (mer Caspienne/ Caspian Sea).
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire avuga ko
umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka.
Abategetsi ba Irani bavuga ko iki gitero ari agasotoro kandi
ko bategerezwa gukingira inyungu z’igihugu hamwe n’umutekano waco. Ibinyamakuru
vya reta ya Irani bitangaza ko uwuserukira Ukraine i Tehran yatumweko n’ubushikiranganji
bujejwe imigenderanire bwa Irani.
Itororokanirizo ry’amakuru IRNA ryanditse ko muri uwo
mubonano, Irani yashimitse iti: “Repubulika ya Kisilamu ya Irani izokingira ata
guhigimanga umutekano wayo n’inyungu zayo, kandi ibitero bigabwa ku buzima no
ku matungo y’abanyagihugu bayo ntibizokwijana”.
Ku ruhande rwayo, Ukraine ivuga ko itera amayira akoreshwa mu
kwunguruza ibikoresho vya gisirikare vy’Uburusiya bifitaniye isano na Iran.
Uwuserukira Ukraine muri Israel, Yevhen Korniychuk,
yavuze ko ubwato bwatewe na Ukraine mu Kiyaga ca Caspienne bwari butwaye ibikoreshwa
mu guhingura za ndege zitajamwo abadereva (drone) hamwe n’ibisasu vya misire, vyari
bigiye mu Burusiya.
Yavuze kandi ko atari ubwa mbere Ukraine itera amato ya
gisirikare afitaniye isano na Irani. Yavuze ko "Israel na Ukraine bihanganye
n’umwansi umwe".
Ku ruhande rwiwe, Perezida Zelensky avuga ko Moscou iha Iran
amakuru atangwa n’ibigendajuru kugira afashe Iran gutunganya ibitero ku bibanza
vya Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Zelensky yashitse muri Amerika mu gihe ata gahengwe mu ntambara y'amadrone hagati y'Uburusiya na Ukraine
Ahavuye isanamu, t.me/V_Zelenskiy_official
Abategetsi
b’Uburusiya bavuga ko mw’ijoro ryakeye Ukraine yarekuriye ku ntara ya Moscou
indege zitajamwo abadereva (drone) zishika amajana ane.
Ubushikiranganji
bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza ko hagati y’isaha zibiri z’ijoro n’isaha
zibiri z’aka gatondo, ingabo zirwanira mu kirere “zatangiriye zigasamburira mu kirere”
ama-drone ya Ukraine 356, hejuru y’intara 13, harimwo Moscou, Crimée/Crimea n’Ikiyaga
ca Azov.
Imbere y’aho,
umukuru w’igisagara ca Moscou Sergei Sobyanin yari yatangaje ko ama-drone 390
yariko yerekeza muri Moscou.
Buramatari
w’iyi ntara Andrey Vorobyov avuga ko inyubakwa y’uburaro yarashwe, ariko ntavuga
nimba hari abapfuye canke bakomeretse.
Amashusho atashoboye kugenzurwa yerekana umwotsi uduga
uva mu ruganda ruri hafi y’umugwa mukuru.
Kuva mu
mezi make aheze, Ukraine yarongereje akariro mu bitero vyayo hagati mu Burusiya,
harimwo ku bigo ntanganguvu n'ibigo vy'ugutunganya no gukwiragiza ibidandazwa.
Ku rundi
ruhande, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere gitangaza ko ingabo z’Uburusiya
zateye ico gihugu zikoresjeje amadrone 131, aho gushika isaha zibiri za kano
gatondo mu masaha ya Kyiv, 107 muri yo yari amaze gusamburirwa mu kirere.
Ati: “Ikintu
dushira imbere kuruta ibindi ni uburyo bwo kwivuna ibitero vya misire hamwe n’ugukomeza
ugufashanya mu vya gisirikare na Amerika. Isi ikeneye kurushiriza kuja hamwe”.
Iruhande y’umubonano
wiwe na Perezida Trump, Zelensky yiteze kwitaba ibirori vyo gushingura
umukenguzamateka Lindsey Graham, yari asanzwe ashigikira bikomeye Ukraine mbere
akaba yarateguye integuro y’itegeko ryo kwongereza ibihano ku Burusiya.
Zelensky yaheruka
kubonana na Trump ku wa 8 Mukakaro, mu nama ya OTAN (NATO) yabereye i Ankara
muri Turukiya, aho, inyuma y’uwo mubonano, Trump yari yavuze ko azohamagara
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, ariko bikarangira atamuhamagaye.
Mu minsi
iheze, Trump yagaragaje ugushaka mu gushigikira Ukraine, mu kwemera umugambi wo
kuyiha uruhusha rwo guhingura ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot
zikoreshwa mu gutangira ibisasu vya misire, kandi akaba yavuze ko yiteguriye
gusinya integuro y’itegeko ryateguwe na Lindsey Graham ryo gukomeza ibihano ku
Burusiya, nk’uko Reuters ibivuga.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara y'Uburusiya na Ukraine:
Ingabo za Amerika zirenga 600 ziramaze gukomereka kuva intambara na Iran itanguye mu kwa kabiri
Ahavuye isanamu, Getty Images
Nibura abasirikare
624 ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baramaze gukomereka kuva Perezida Donald
Trump atanguje ibitero kuri Iran muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk'uko biri mu cegeranyo
ca vuba c'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) casohotse
ku wa gatandatu windwi iheze, hari ku wa 25 z’uku kw’indwi.
Muri abo bakomeretse, harimwo 417 bakomerekeye mu
bikorwa vya gisirikare vyiswe Operation Epic Fury, izina ryahawe intambara ya
Amerika kuri Irani, mu gihe 207 bakomerekeye mu co bita ibikorwa vya gisirikare bibera
hanze y'igihugu, ikizwi nkaOverseas Operations.
Mu ndwi
iheze, Pentagon yahinduye ibiharuro vy’abapfuye n’abakomeretse muri iyi
ntambara, aho abasirikare bane bahora baharurwa ko bapfiriye muri Operation
Epic Fury bakuwe kuri urwo rutonde, bashirwa ku rw’abapfiriye muri ivyo bindi
bikorwa vya gisirikare bibera hanze. Ivyo vyatumye igitigiri c’abapfuye muri
iyo ntambara na Irani kigabanuka kiva kuri 18 kikaja kuri 14.
Bamwe mu
banegura ubutegetsi bwa Trump bavuga ko guhindagura ibi biharuro ata nsiguro
itanzwe bituma haba igipfungu muri iyi ntambara.
Lt. Gen. Ben
Hodges, yigeze kurongora ingabo za Amerika ku mugabane wa Buraya igihe Trump
yaja ku butegetsi ubwa mbere, agira ati: "Ubu butegetsi busa n'ubutorohewe
na gato ku bijanye no kutubwiza ukuri ku biriko biraba, atari gusa ku bijanye
n'abahitanwa n'intambara, ariko no ku ntambara yose muri rusangi".
Hagati aho,
Pentagon yo ivuga ko ivyo vyatewe gusa n’akagorane k’igihe gito mu kwegeranya
ibiharuro kandi ko ziriko zirakosorwa.
Mu butumwa
yacishije ku rubuga nyagiro rwiwe Truth Social ku wa 21 z’uku kw’indwi, Trump
yavuze ko "Intambara na Irani" yari imaze guhitana abantu 18.
Nk'uko
ikinyamakuru Associated Press cabitangaje, icitwa “Overseas Operations”, ni
ukuvuga vyabikorwa vya gisirikare bibera hanze, caboneste ubwa mbere ku rubuga
ngurukanabumenyi rwa Pentagon ku wa Mungu, kikaba giharura abahitanywe n’inambara
kuva ku wa 7 Mukakaro 2026.
Iryo
hindurwa ry’amazina riboneka ko ryakozwe kubera abasirikare bane b’Abanyamerika
bapfuye mu kw’indwi, inyuma y’uko amasezerano y’agateganyo hagati ya Amerika na
Iran atanguye gusenyuka, kandi inyuma y’uko Perezida Trump atangaje ko
agahengwe k’intambara kari karangiye.
Abasirikare
batatu ba Amerika bapfuye inyuma y'ibitero vya misire vya Iran ku kigo ca
gisirikare kiri muri yorodaniya ku wa 17 z’uku kw’indwi, mu gihe uwundi
yapfiriye muri Irak igihe hariko harasamburwa mu buryo bugenzuwe drone ya Iran.
Kuva hagati
muri Mukakaro, Amerika yamaze imisi 13 ikurikirana igaba ibitero ku bikorwa
remezo vya gisirikare vya Iran, mu gihe na Iran na yo yaca yihorera ku bigo vya
Amerika biri mu bihugu bibanyi.
Ariko kuva
ku wa gatanu, impande zompi zarahagaritse ibitero.
Trump avuga ko hari ibiganiro biriko biraba ku ntambara ya Iran muri iki gihe c’agahengwe, ariko Irani irabihakana
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga
ko "hari ibiganiro vya kivandimwe biriko biraba" ku bijanye
n’intambara na Iran, inyuma y’uko impande zihanganye zimaze imisi itatu
ikurikirana zitarasana.
Afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, aho ejo ku
wa mbere yabwiye abanyamakuru igihe yurira indege y’umukuru w’igihugu ati: "Niyumvira
ko hari amahirwe meza ko hashobora kuba ikintu ciza".
Ariko kandi, agabisha ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika)
ishobora “gususubira gukora ivyo twariko turakora" imbere y’aka gahengwe, ari
nka hamwe ibiganiro ataco vyoshikako.
Ku wa gatanu, Trump yavuze ko yafashe ingingo yo guhagarika
ibitero vya Amerika kuri Iran kubera ko ibihugu bihuza impande zompi vyamusavye
guha akandi akaryo ibiganiro.
Iran na yo nyene yarahagaritse ibitero vyayo.
Ibi bitero vyahagaze inyuma y’indwi hafi zibiri ari ibitero vya
misi yose vya Amerika hamwe n’ivya Irani vyo kwishura, ivyari vyatumye
amasezerano y’agahengwe yashitsweko muri Ruheshi (6) asambuka.
Trump arahakana amakuru yari yatanzwe n’ibinyamakuru vyavuga
ko inyuma y’amezi atanu y’intambara, Amerika yariko irahererwa n’amasasu.
Yavuze ati: "Dufise amasasu menshi. Dufise n’ibindi
bikoresho vya gisirikare bsumba kure ivyo twokenera gukoresha naho hoba ikintu
ico ari co cose. Dufise vyinshi cane. Gusa ndifuza no kuronka n’ibindi vyinshi".
Hagati aho, umuvugizi w’ibiro Vy’umukuru w’igihugu (Maison
Blanche/White House), Anna Kelly, yavuze ko igisirikare ca Amerika "gifise
amasasu, ibikoresho vya gisirikare n’ububiko bihagije cane kugira bishitse ku
migambi yose ya Perezida Trump no kurenza, kandi iki gikorwa Operation Epic Fury carerekanye
icoshikira uwo ari we wese yokwiteranya na Amerika”.
Amerika na Israel vyatanguye ibitero kuri Iran ku wa 28
Ruhuhuma (2) uno mwaka. Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yaciye yihora mu kurasa
ibisasu vya misire yongera igomorera za ndege zitajamwo abadereva ku bigo vya
gisirikare vya Amerika no ku yandi matungo yayo biri mu bihugu vy’akarere k’Ikigobe
c’Abarabu, hamwe kandi ko kuri Israel.
Mu kwa gatandatu, Iran na Amerika vyarateye igikumu ku
masezerano y’umwumvikano mu ntumbero yo guhagarika ibitero, hanyuma Umuhora wa
Hormuz ukwugururwa, kandi bikaba vyari bitegekanijwe ko bari gushika ku
masezerano yoguhagarika intambara mu kiringo c’imisi 60 yakurikira.
Ariko inyuma y’aho ingabo za Iran zigabiye ibitero ku mato
atwara igitoro muri uwo muhora ku wa 13 Mukakaro (7), Washington yaciye isubira
gutangura ibitero vyo mu kirere kuri Iran kandi yongera izibira ingendo ziva
canke zija ku bivuko vy’ico gihugu.
Tehran yaciye yihora mu kugaba ibitero ku birindiro n’ibigo
vya gisirikare vya Amerika hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati, vyahitanye
abasirikare bane ba Amerika.
Nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Iran
bubivuga, ibitero vya Amerika vyahitanye abantu benshi kuva ico gihe.