Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Umwami w'aba Tooro yashinguwe hasabwa gushira hamwe mu kumusubiriza
Umwami Oyo Nyimba Kabamba Iguru Rukidi IV w'aba Tooro muri Uganda yarashinguwe ku wa gatandatu, haheze iminsi hadutse impari k'uwomusubirira.
Oyo w'imyaka 34 yatanze yari we mwami wa mbere muto kurusha abandi kw'isi mu bari ku ngoma.
Yimitswe kuba umwami wa Tooro mu burengero bwa Uganda afise imyaka itatu, atanga(apfa) ari kwivuza indwara ya cancer muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Tooro ni imwe mu ngoma za kera muri Uganda. Zarafuswe mu 1967 ariko ziragarukanwa mu myaka ya 1990 kuri perezida Yoweri Museveni. Abami bazo baremewe nk'abategeki b'umuco ariko nta bubasha bwa poritike bafise.
Abantu ibihumbi bari batonze imirongo ku mabarabara igihe isandugu irimwo ikiziga c'umwami yariko irajanwa ku ntatemwa z'abami muri Fort Portal aho yashinguwe mu mugirwa w'abo mu muryango.
Uwuvuga amakuru ku mboneshakure (TV), Umuganwa Edward Rukidi Kijanangoma, w'imyaka 56, yagenywe n'abakurambere bo muri ubwo bwami ngo amusubirire, bivugwa yo yatereye intete icenda z'ikawa mu ruhafu rw'umwami, umugirwa usigura ko harangiye ingoma imwe hatanguye iyindi.
Ariko imbere y'aho, umuryango wa Oyo waranse Kijanangoma, mwenesewabo, kuba umwami mushasha wa Tooro.
Mushiki wa Oyo, Umuganwakazi Ruth Komuntale, yavuze ko Umwani yatanze asize iragi, ryanditswe mu 2022, rigena umuhungu wiwe akiri muto nka samuragwa.
Umwidondoro w'uwo mwana ntiwigeze uhishurwa.
Hagati aho, nyina w'umwami, Best Kemigisa, yavuze ko abahora bacungera umutekano wiwe bavanywe ku kirimba basubirizwa abasirikare. Ibi yavuze ko bibuza umuryango w'i bwami kwidegemvya no kwakira abashitsi, avuga ko ari ''ugupfungwa icamaso''.
Ku wa gatandatu, Musenyeri mukuru wa Ekleziya ya Uganda, Stephen Kazimba Mugalu, yasavye ko haba ugushira hamwe.
''Amajambo avuzwe mu gihe c'umubabaro ashobora gutera kubabara, gucanamwo n'amatati. Ashobora bo gusambura iragi ry'umwami turiko turaririra,'' niko yabwiye abitavye urubanza rwo gushingura.
Perezida wa Uganda Yoweri Museveni nawe nyene yasavye ko ico kibazo gitorerwa inyishu ''kandi hashirwe imbere ubumwe aho gucanamwo''.
Abajejwe ingene ingoma itoranwa barasiguye icatumye batora Kijanangoma.
Omusuuga Charles Karumasi, umukuru w'umuryango w'i bwami w'aba Babiito yavuze ati: ''Twakoze ibintu vyose twisunze umuco n'imigenzo ya Tooro. Twese dutegerezwa kubungabunga amahoro n'ituze.''