DR Congo: Abashingamateka bashigikiye integuro y'itegeko rya kamarampaka
Inama nshingamateka ya Repuburika ya Demokarasi ya Kongo yemeje integuro itegekanya ibisabwa kugira hatunganywe amatora ya kamarampaka.
Ku bashingamateka 351 bitavye ikoraniro ryo ku wa kabiri, 348 ni bo batoye bemeza iyo nteguro.
Ubu rero iyo nteguro igiye kurungikwa mu Nama nkenguzamateka (Sena) kugira ngo harangizwe inzira zijanye no kuyisuzuma, ibone gushirwako umukono n’umukuru w’igihugu, gutyo ice iba itegeko.
Abashingamateka b’inkehwa bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bahisemwo kutitaba ayo matora.
Banegura ico badondora nk’umugambi wa Perezida, Félix Tshisekedi, wo guhindura ibwirizwa nshingiro kugira yigumize ku butegetsi inyuma ya 2028, umwaka ikiringo ciwe ca kabiri kizorangirirako, nk’uko bitegekanijwe mw’ibwirizwa nshingiro rihasanzwe.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 6 Rusama (5), Perezida Tshisekedi yatangaje ko yiteguriye kuguma ku butegetsi n’inyuma ya 2028, hamwe Abanyekongo bokwemeza ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.
Izindi nkuru wosoma: